IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Impavu zitanu nziza zotuma umuntu afungura ivoka

Impavu zitanu nziza zotuma umuntu afungura ivoka

jeudi 6 Ruheshi 2013

Ivoka ifise amavuta muriyo, ariko ni imfungurwa nziza yongerereza ivyunyunyu ikagira n’akanovera iyo uyifunguye.

Abantu benshi banka kuyifungura kuko ifise amavuta menshi muri yo, ikagira n’amakarori. Mw’ivoka rimwe kubisanzwe harimwo amakarori 138 ni g 14,1 y’amavuta. N’ubwo biri uko, ni imwe mu mfungurwa nziza zo gufungura.
Ng’izi impamvu zitanu zotuma umuntu afungura ivoka iminsi yose :

1. Ivoka rifise ubutunzi muma « caroténoïde

Iyo caroténoïde ifasha mu gukingira indwara zimwe zimwe z’amaso. Ivoka ikaba ifise kandi ivyunyu ari vyo vitamine E, nka Zeaxanthine, alpha-carotene na beta-carotene, izo zose zikaba zifasha gukingira amaso.

2. Ivoka rituma wumva uhaze

Igice c’ivoka gifise g 3,4 c’uduti, aritwo bita utuzi two mw’ivoka dusyeka n’utudasyeka. Kugira umuntu agubwe neza ahejeje gufungura, umubiri w’umuntu urakeneye ubwo bwoko bw’uduti uko ari bubiri. Ukwo kuntu usanga rifise n’utuzi muriyo, bituma mu nda huzura ukamenga urahaze.
Ivoka kandi rirafise ivyo bita « acide oleique », amavuta atuma igihande co mu bwonko gikora neza kuko uba wumva umenga urahaze.

3. Ivoka rirashobora gukingira umuntima n’umwana ari mu nda

Igikombe kimwe kigana n’icakane c’ivoka gisabwa ku munsi, ivyunyunyu bigabanya ubumuga bushobora gushika ku bana bakivuka. Ku mukenyezi yibungenze canke kuri uwo wese yiteze kwibungenga, ivoka rirashobora gukingira umwana ari mu nda.

Ariko iyo umuntu afunguye nyinshi, bishobora kumugirira ingaruka mbi, bigatera indwara y’umutima kubw’amavuta asanzwe ari mw’ivoka. Nimba hari umwe mu muryango muvamwo yoba asanzwe afise indwara z’umutima, nk’akarorero nimba ari umuryango urimwo abantu fise ibiro birengenje canke basanzwe banywa itabi, muri ico gihe, ivoka rirashobora gutuma amagara agenda neza.

4. Ishobora gutuma haba igabanuka rya cholesterol mu mubiri

Inyuma yo kwumva uhaze uheje kurifungura, acide oleique iri mw’ivoka, ishobora gutuma haba igabanuka rya cholesterol. Mu cirwa cakozwe, vyaragaragaye ko abantu mu mfungurwa zabo bafungura harimwo ivoka, igitigiri ca cholesterol kigabanuka, na cane cane cholesterol atari nziza yitwa “LDL”. Cholesterol nziza nayo ariyo “HDL”,igaca iduga ku bice 11 kwi 100.

5. Ivoka iraryoshe gufungura

Imfungurwa zirimwo ivoka zigira akanovera, eka n’imfungurwa zimwo ivoka ziranezera amaso na cane cane za mboga bafungura ari mbisi zitwa « Salade ».
Hari n’akandi kamaro k’ivoka, ivoka rifise ivyunyunyu muri ivyo bituma n’imishatsi ivyibuha, igasa na neza.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.