Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyakenya bibutse imyaka ibiri iheze Westgate itewe n’abihevyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Abanyakenya bibutse imyaka ibiri iheze Westgate itewe n’abihevyi

Abanyakenya bibutse imyaka ibiri iheze Westgate itewe n’abihevyi

lundi 21 Nyakanga 2015

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 21 Nyakanga 2015,abanyaKenya bibutse imyaka ibiri iheze habaye igitero c’abihevyi mu nyubakwa y’ubudandarizo Westgate,iri mu gisagara ca Nairobi ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya.

Amasengesho hamwe no gucana urumuri nivyo vyaranze,uyu munsi wo kwibuka ico gitero cahitanye abantu mirongo itanu n’indwi bapfuye bishwe n’abarwanyi ba Al-Shabab.

Amasengesho yabereye mw’isoko rya kijambere ryitwa Nakumatt, aho benshi mu bishwe baguye.Ivyo birori vyabereye mu gashamba ka Karura kari hafi y’inzi Westgate.

Ibuye ry’icibutso, amazina y’abishwe bose, hamwe n’ibiti bishasha vyatewe, vyeretswe abantu mu mwaka uheze.

Ikibanza c’ubudandaji ca Westgate casubiye kwugurura mu kwezi kw’indwi, kibanje gusubirwamwo.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.