Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa

Abanyarwanda baba mu gihugu ca Tanzaniya ataruhusha bagiye kwirukanwa

samedi 3 Myandagaro 2013

Igihe umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Jakaya Kikwete yari mu rugendo rwiwe mu ntara ya Mugombani muri ico gihugu, yatanze indwi zibiri gusa ku banyarwanda baba muri ico gihugu ca Tanazaniya, ariko ataruhusha bafise rwo kuba ku butaka bw’ico gihugu.

Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho kuwa 15 Mukakaro 2013, abandi bagera 19 basanzwe bafise n’utubira tubiri birukanywe muri ico gihugu. Umushikiranganji ajejwe gufasha mu guhagarika ibiza hamwe n’impuzi, umupfasoni Seraphine Mukantabana yamenyesheje bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE co mu gihugu c’Urwanda ko Urwanda rwiteze kubakira. Avuga ati: « Turiteguye kwakira abo banyarwanda bazoba birukanywe mu gihugu ca Tanzaniya, bafise canke badafise ibipapuro, haba igitigiri cabo uko kingana kwose, kuva aho bazoba birukaniwe mu gihugu ca Tanzaniya.

Yongeye ko ati igihe haba ibiganiro hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, Urwanda rwari rwasavye ko aboba birukanywe ko bohabwa ibintu vyabo basanzwe batunze.
Nibaza ko abo banyarwanda baba muri Tanzaniya vyari bikwiye ko bataha imbere y’uko babanza kwirukanwa, niko uwo mushikiranganji yabandanije avuga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.