Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bagendana ubumuga barikumira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Abanyeshure bagendana ubumuga barikumira

Abanyeshure bagendana ubumuga barikumira

vendredi 3 Rusama 2013

Mu Burundi birakenewe ko amategeko n’amasezerano yubahiriza abagendana ubumuga ashirwaho kugira abanyeshure bagendana ubumuga ntibasubire kwikumira.

Ivyo vyashikirijwe na Nadia Harushimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abakenyezi bagendana ubumuga, mu nyigisho zerekeye iterambere ridakumira zari zateguwe n’iryo shirahamwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Rusama 2013.

Umupfasoni Nadia Harushimana amenyesha ko ayo mategeko agiyeho vyofasha benshi kuko ibice cumi na bitanu kw’ijana vy’abarundi bafise ubumuga bw’umubiri.

Yarangije ashikiriza ko izo nyigisho zahawe abigisha bo mu mashure yisumbuye zizotuma abarezi bakura ingeso yo kwikumira iboneka mu banyeshure bagendana ubumuga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.