Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aho kaciye ntihaca urwanko, Sharfa nasubiriye kumwita Mkombozine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Aho kaciye ntihaca urwanko, Sharfa nasubiriye kumwita Mkombozine

Aho kaciye ntihaca urwanko, Sharfa nasubiriye kumwita Mkombozine

samedi 8 Ruheshi 2013

Mu bihe vyaheze, Mkombozi yafashe icemezo co kurekana n’uwari umukunzi wiwe Sharfa yari yaramenyekanye kw’izina rya Mkombozine, inyuma y ‘ikiringo c’amezi abiri niho Mkombozi yibutse ivyiza Mkombozine yamukoreye anibuka n’ikigongwe yabandanije amusaba hama yisubirako aramubabarira none ubu bamaze ikiringo c’ukwezi basubiranye.

Nk’uko abo bompi babivuze bati dukurikije uko twakundana ubwa mbere ubu noneho n’akarusho kuko tuzi ico gukora bati kuba vyarasakujwe ko twahebanye vyongeye kandi twoba dutaye agaciro cane nico gituma tugiye kwirinda ko hari uwohemukira uwundi.

Mkombozine ati : nukuri jewe nkurikije ingene nkunda Mkombozi noneho nzokwitwararika cane narirya mbona ubu tubanye neza mu rukundo kurusha uko twari tumeze hambere. Ikindi ntanuko tuzosubira kwumva amabwire y’abantu kuko biri muri bimwe vyari vyobatandukanije akomeza agira ati abakobwa bikurura ku mukunzi wiwe bamureke kuko Mkombozine ndahari kandi ndamuhagije.

Mkombozi we yagize ati : Nibutse ibihe vyacu vya mbere nkurikiza n’amarira n’imbabazi Sharfa yansavye nca numva umutima w’impuhwe n’urukundo hama bintera kumubabarira kandi ndumva umutima wanje uri mu kibanza kuko mbona ko yafashe intumbero yo guhinduka.

Barangiza bagira bati ku bakunzi bacu mwese turabashimiye kandi tubatuye indirimbo yacu yitwa « Ishuri » ibanezereze kandi Mkombozi avuga ko agiye gutunganya ibiteramo vyinshi hano imbere mu ntumbero yo guteramana n’abakunzi b’umuziki.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.