Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yatumye ruhagarikwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yatumye ruhagarikwa

Rwanda : Amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yatumye ruhagarikwa

mardi 10 Ruheshi 2014

Ururirimbo"Welcome to bed" rw’umunyarwanda Dr Jiji rushobora guhagarikwa kuvuzwa muri ico gihugu c’Urwanda. Uwurongoye ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama avuga ko ururirimbo barwanse bakibona amashusho yarwo. Hasigaye kubaza Dr Jiji bumve ico abivuga ko, ariko ingingo yaramaze gufatwa.

Ururirimbo "Welcome to bed" rwasohokanye amashusho abonekamwo ibiterasoni, harimwo n’ivyo umuntu yokwita ubusambanyi. Urwo ruririmbo ruteye kubiri n’imico yo mu Rwanda. Makuza Laurent, ajejwe umuco mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama, mu kiganiro yagiranye na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, yavuze ko urwo ruririmbo barwanse bakirubona amashusho.

Makuza Laurent agira ati : "Uriya muhanzi, ni mushya, ntaranamenyekana. Gusa nka Minisiteri icyo twashimiye itangazamakuru ryo mu Rwanda ni uko ryamaganiye kure iyo ndirimbo. Ariya mashusho si meza, nta butumwa atanga ahubwo ayobya abayareba. Igishimishije ni uko nta hantu mu itangazamakuru ryo mu Rwanda iyo ndirimbo igaragara".

Mu nama yagizwe n’ubushikiranganji kuri uwo wa mbere igenekerezo rya 09 Ruheshi, hafashwe ingingo yo guhagarika urwo ruririmbo, igisagaye n’ukubaza Dr Jiji kuko ashobora kuba yabikoze atabizi. Hategekanijwe ko vuba hazoba hamaze kuvungwa ingingo ntabanduka yafashwe.

Dr Jiji avuga ko atawuramubwira ko ururirimbo rwiwe ruhagaritswe, ariko aremera ko ashira aho ubushikiranganji bushize. Ati :"Ntabwo nzorwanya umwanzuro bazayifatira."

Ayo makuru nyene abandanya amenyesha ko amashusho y’ururirimbo "Welcome to Bed" yoba yateye icuka kibi mu rugo kwa Dr Jiji naho avyamirira kure kuko umugore wiwe yoba yarashavujwe n’ivyo yabonye.

Amwe mu mashusho ari muvyatumye ururirimbo ruhagarikwa ni aya akurikira :


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.