Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatohoza yaheze kw’iraswa ry’indege ya Habyarimana na Ntaryamira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Amatohoza yaheze kw’iraswa ry’indege ya Habyarimana na Ntaryamira

Amatohoza yaheze kw’iraswa ry’indege ya Habyarimana na Ntaryamira

jeudi 10 Mukakaro 2014

Abacamanza b’abahinga ku vyaha vy’iterabwoba bo mu gihugu c’Ubufaransa bahora mu matohoza kw’iraswa ry’indege y’uwari umukuru w’ igihugu w’Urwanda, Juvenal Habyarimana, yahitanye n’uwari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sipiriyano Ntaryamira, bahejeje amatohoza bari batumwe. Hasigaye kumenya namba hazoba urubanza ku bagirizwa.

Marc Trevidic na Natalie Poux ni abacamanza b’abahinga ku vyaha vy’iterabwoba. Bari bahawe igikorwa c’ugutohoza ku vyashikiye indege yari ireruye uwari umukuru w’igihugu w’Urwanda, Juvenal Habyarimana, yahitanye n’uwari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sipiriyano Ntaryamira bari kumwe mu ndege. Abo bahinga bakaba barashikirije icegeranyo cabo ku bushikirizamanza. Igisigaye n’ukazofata ingingo namba sentare y’intango yotanguza urubanza canke ntirube.

N’aho vyoshika ko sentare y’intango yofata ingingo y’uko haba urubanza, bitegekanijwe ko bazobanza guha akaryo impande zompi zirabwa n’ivyavuye mu matohoza, kugira zigire ico zivuga kuri ico cegeranyo.

Tubamenyeshe kandi ko nk’uko bitegekanijwe, ivy’uko hazoba urubanza canke ntirube, bizomenyekana mu mezi atatu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nibatubwire ukuri kuje ahagaragara kuko birirwa birahiza aya nkendimbwa,ndabakeka ariko!!!

  • cette information est vide de sens: Quel est le résultat de l’enquête

  • Wewe wiyise Diese, ni wewe watahuye inkuru nabi. Erega amatohoza aheze ntibaca bayashira aho nyene kandi abavuzwemwo batarabwirwa bisigure. Kandi namba wasomye neza, hasigaye kumenya namba ubushikirizamanza buzoshingisha urubanza. None babe barakubwira amazina? En plus bavuze ko bizomenyekana mu mezi atatu ari imbere

  • Kuko muzi ko ari abatutsi bo mu rwanda nti muvuga inkuru ngo muyiheze ariko yiba bari abahutu amazina yari kuba yamaze gushigwako gende hiyo basha turazinanye.

  • Ntagitangaje,kandi ntakigoyemwo gutegera,uwuri kwisonga mubazobazwa ni presidant KAGAME,

  • Ugwa Ntaryamira ruzokurikiranwa nande nkurunziza yara henze na kagame akarurya amuhenda ngo numugenzi.aba hutu ntakenge mugira

  • Vous n’avez rien dit.

  • Ariko birazwi ko umugore wa Havyarimana Agatha Kanziga, basaza biwe na Bagosora Theoneste ko aribo barashe irya ndege kubera Havyarimana Yari yemeye gusinya amasezerano ya Arusha, yahagurutse i kigali bamaze kumubwira ko bazomurasa, aca afata Ntaryamira kugira nibumva ko arikumwe na President w’ U burundi batinye, ntibubahuke kuyirasa, nibwo baca baca babarira Bikomagu yari arinze NTARYAMIRA ngo agende ikigali baramusangayo naho Havyarimana yagira bace bamurasa , Bikomagu aca akatira mukirere aza i burundi adashitse kigali, abandi baza

  • Ariko birazwi ko umugore wa Havyarimana Agatha Kanziga, basaza biwe na Bagosora Theoneste ko aribo barashe irya ndege kubera Havyarimana Yari yemeye gusinya amasezerano ya Arusha, yahagurutse i kigali bamaze kumubwira ko bazomurasa, aca afata Ntaryamira kugira nibumva ko arikumwe na President w’ U burundi batinye, ntibubahuke kuyirasa, nibwo baca baca babarira Bikomagu yari arinze NTARYAMIRA ngo agende ikigali baramusangayo naho Havyarimana yagira bace bamurasa , Bikomagu aca akatira mukirere aza i burundi adashitse kigali, abandi baza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.