IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amayinga atandatu urwaruka 5000 ruriko rurakurikiranwa na ACASPE hamwe na (...)

Amayinga atandatu urwaruka 5000 ruriko rurakurikiranwa na ACASPE hamwe na ALDP

lundi 25 Myandagaro 2014

Abana bagera ku bihumbi 5 nibo bari bamaze amayinga agera kuri atandatu bariko barakurikiranwa n’ishirahamwe (ACASPE) Association des amis des cadres sportifs des professeurs d’éducation physique rifashanije na (ALDP) Association de lutte contre la délinquance et la pauvreté.

Muri izo yinga zitandatu urwaruka ruva mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura, rukaba rwamaze umwanya mu nk’ino, intambo z’Uburundi, kwiga ibijanye n’indimi n’ibindi. Ukwo gukurikiranwa k’urwo rwaruka, kukaba gufasha abana gukurana ishaka mu bikorwa, n’indero runtu, ndetse rukaba rwaranakundishijwe igihugu. Ku bwa Vincent Nukuri umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe (ACASPE), avuga ko ivyo bikorwa vyafashije abana bari bamaze iminsi bariko barakurikiranwa nabo, gushika aho ndetse abo bana bashoboye n’ukubabonamwo ivyobashoboye, n’ubuhinga bafise mu gisata c’inkino. Vincent Nukuri agasaba abavyeyi batarungika abana babo muri ivyo bikorwa kuza barabarungika, kugira baze barakurikiranirirwa hamwe n’abandi.

Mwomenya ko ivyo bikorwa vyatunganijwe bifashijwe Région des Pays de la Loire. Mu birori vyo gusozera bakaba barashimiye abavyeyi bashoboye kurungika abana babo,co kimwe na Région des Pays de la Loire, ryari ryaserukiwe na Anaclet Kitungano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.