Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Atagikozwe ibintu birashobora kuyangara hagati y’Urwanda na Kongo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Atagikozwe ibintu birashobora kuyangara hagati y’Urwanda na Kongo

Atagikozwe ibintu birashobora kuyangara hagati y’Urwanda na Kongo

vendredi 30 Myandagaro 2013

Leta y’Urwanda iragabisha igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangiya Kongo ko itagiye kurera amaboko mu gihe, abasirikare ba Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo bobandanya batera ku butaka bwabo.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Myandagaro mu gihe c’inyuma y’umutaga, igisirikare c’Urwanda cararungitse ibirwanisho bikomakomeye ku rubibe ruhana na Kongo, kugira rwivune ku bitero bagiriza abasirikare b’ico gihugu ku butaka bw’abo, ndetse hakaba hamaze guharurwa abantu bagera kuri batatu, bamaze kuhasiga ubuzima muri iyi minsi.

Mw’itangazo ryashizwe ahagaragara ku mugoroba w’uyu wa kane na Louise Mushikiwabo, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ibindi bihugu, avuga ko ibitero vya Kongo ku butaka bw’Urwanda badashobora kuvyihanganira namba. Abanyagihugu b’Urwanda akaba aribo barwa muri ivyo bitero vyagirizwa abasirikare b’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Mushikiwabo avuga ko Leta y’Urwanda yagumye yihanganye, ariko ko ako gasomborotso abadashobora kuguma bakihanganiye. Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’amakungu akaba yarangije avuga ko bafise ubushobozi bw’ukumenya uwabateye, kandi Leta arimwo ikaba ariyo itegerezwa gucungera umutekano w’abanyagihugu bayo.

Ababikurikiranira hagufi bakaba bavuga ko hamwe atagikozwe, ibintu bishobora kuyangara hagati y’Urwanda na Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.