Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Benshi biga ururimi rw’icongereza kubw’umuririmvyi Rihanna - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Benshi biga ururimi rw’icongereza kubw’umuririmvyi Rihanna

Benshi biga ururimi rw’icongereza kubw’umuririmvyi Rihanna

jeudi 7 Ruhuhuma 2013

Mu cigwa cakozwe,bivugwa yuko Rihanna ari umucuraranzi atuma beshi bashaka kumenya icongereza.

Mumatohozwa yakozwe mu mashure “Kaplan International Colleeges“,umwe mubarongozi b’icigwa c‘icongereza,yahishuye ko mubaririmvyi b’umudiho wa pop,Rihanna niwe atera intege abantu ngo bige icongereza.

Amatohozwa yakozwe ku bantu 1213 bavuga icongereza nk’ururimi mvamakukungu.Muribo,ibice bishika 52 kwi 100 bize icongereza kugira bamenye ibigezweho.

JPEG - 124.9 ko

Muri ivyo bice 52 kwi 100, uwo batazira umu « Bajan beauty » n’umucuraranzi yipfuzwa cane,10 kwi 100 batangaje ko biga icongereza bacumvirije.
Rihanna yaciye imbere Katy Perry na Beyoncé kuko kubwabo icogerezwa cigwa ku bice 8 kwi 100 n’ibice 7 kwi 100 gusa yabagizwe kwitohozwa.

Mubacuraranzi babagabo,n’umuraperi Eminem yatahanye ibice 7 kwi 100 vy’abantu bize icongereza kugira batahure ivyo aririrmba.

Rodrigo Alencar akora kuri site RihannaDaily.com yatangaje avuga ngo : « Rihanna ni umuririrmvyi wambere asigaye akundwa cane na benshi muri kino gihe,vyumvikana ko benshi bashaka kumenya icongereza kugira batahure ivyo ariko aririmba.

Kuva 2005, asohora indirimbo nshasha ku mwaka ku mwaka kandi benshi bakunda bakanazihurumbira.Ikindi naco, amajambo y’indirimbo ziwe zishika ku nyota benshi kandi zikabaryohera ».

Mu mice y’abantu bose itandukanye,ni Barack Obama yatsinze.Ibice 22 kwi 100 vyabatohojwe ni vyo vyerekana abiga ururimi rw’icongereza kugira batahure amajambo y’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bw’amarika.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.