IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rihanna > Rihanna yifatiye mu gahanga aba Paparazzi

Rihanna yifatiye mu gahanga aba Paparazzi

jeudi 10 Gitugutu 2013

Abonye i foto yiwe yambaye impuzu ihanagura amazi mu cumba c’ubwogero ariko yirabira hanze acishije mw’idirisha ry’i Hoteli yarimwo, Rihanna arinamura ati: "Ndanka aba paparazi gusumba uko nanka aba Nazis"

Rihanna ntarya umunwa, ari naho kenshi avuga uko yishakiye. Akarorero ka hafi naho yiyemerera wenyene ko yanka aba Paparazi kuruta ukwo yanka aba Nazis. Uwo muririvyi rurangiranwa kenshi na kenshi arashikuza mu kuvuga aho womenga harimwo n’ubwishime. Ubu bwa vuba, aho yasa nuwashavujwe n’aba Paparazi aho iminsi yose bama bamukwirikirana kuvyo akora vyose, Rihanna avuga atarya umunwa ati:"Ndanka abo bantu gusumba aba Nazis"(Aba Papparazi).

Iyo mvugo yakoze kuba kunzi biwe, yatowe mu nzandiko za Kanye West, n’abo birabananira kwihangana baheza bamwibutsa amabi aba Nazis bakoze mu ntambara y’isi yose ya kabiri (2), abandi bamwibutsa ko ubuzima bwiwe nk’umu Star ari nk’isanamu kandi ko aba Paparazi bari mubamufasha ubuzima bwiwe nk’umuririvyi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.