Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Bizimana : Uburundi ntiburiko burubahiriza amasezerano bwateyeko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > François Bizimana : Uburundi ntiburiko burubahiriza amasezerano bwateyeko (...)

François Bizimana : Uburundi ntiburiko burubahiriza amasezerano bwateyeko umukono

vendredi 10 Nzero 2014

François BIZIMANA yahoze ari umushingamateka wo mu muryango w’ishiramwe rya Afrika y’ubuseruko (EAC : East African Community) amenyesha ko Reta y’Uburundi iriko ihonyanga amasezerano yateyeko igikumu mu kutaja hamwe n’ibindi bihugu vy’Urwanda, Uganda na Kenya mu mugambi wo gukoresha indangamuntu imwe, kugira abarundi ntibarinde gukoresha ama passeport na laissez-passer iyo bagiye mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

François BIZIMANA avuga ko Reta ata kindi igamije atari kurondera kuguma idandaza ama passeport n’ama laissez-passer kugira irondere amafaranga yo gusahiriza ikigega cayo gisanzwe kitanifashe neza.
Umushingamateka Bizimana François yabishikirije inyuma y’aho umuvugizi wa Reta amenyesheje ku munsi w’ejo ko Reta y’Uburundi itarajwe ishinga n’uko ibihugu 3 (Rwanda, Kenya, na Ouganda) vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko vyumvikanye gukoresha karangamuntu imwe.

JPEG - 28.4 ko
François BIZIMANA

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko ata ngorane irimwo kubera igitabo c’inzira "Passeport" na murekarengane "Laissez-passer" bigikora ukuri kwamye. Kubwa Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta, Uburundi buzosanga ivyo bindi bihugu mu nzira canke naho buhebe iyo karangamuntu imwe ikoreshwa n’ibihugu bitatu mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mushingantahe Francois ndagushimiye uvuga ukuri, twebwe abanyagihugu ico ntitwaciyumvira, urakoze. Iyi Leta yacu ivuga ko Ikigega cayo gihobahoba ariko Amazu aduzwa umusi ku musi, ayo mahera ava he, si mu Kigega ca Leta bakomba bakoza. Iterambere ry’igihugu bamwe naho bitaye muri ivyo bihugu ntibabirimwo, bo inyungu babona n’imipfuko yabo yuzuye. Nyakwubahwa Francois, ayo majambo mwavuze murayagabako bashobora kubiguhora, ba ntaciza. Ariko komera kw’ibanga niwe ukwiye gutwara Uburundi.

  • Francois, Twebwe nkabarundi biratubabaza kubona politique yarabatwaye kugezanaho mudashobora kuvugishukuri kubintu biriko birakorerwa mumicungararo u Burundi buherereyemwo, Rekandakubwire akantu katoya,Mbega wobuzi umusirikare wumurundi ari Uganda yitwa Deo ahoyaciye mbereyogushika Uganda? Mbegawaruziko abotwagiriraniye amasezerano yoguhanahana inkozizikibi kwaribo bamufashije kugirashike Uganda? Mazenawe ngotwagizigihombo! Murirusangi wirebeye hejurugusa nanje ndabonarivyiza arikondabona hariho abariko barashaka kudutambukirako mubintutubona kwarivyiza arikobihetsinyuma yibindi, ndaziko ubinsuvya arikokubera mumazimisi mwironderera ikintu cotuma abarundi bagarariza reta yabogusagusa.

  • Vyukuri mushigantahe wagerageza kuvuga ukuri uvugira abanyagihungu...ariko reta yoyo mbona ataco inezwe!! Tuzokurahehe Amakori.. Mugihe reta Itatworohereza...Obr Itwibe...reta yikwege mubikogwa "ngo Ejo"...!!

  • Ncuti janje Mukunzi twebwe hino iwacu Burundi tumaze Imyaka irenga 50 uwomugambi ntiwariho kanditwarabayeho arikontibisigurako tutazowujamwo nawewe ahubaye ababanyibawe ( abaturanyi) ntimwakirirakimwe ibijevyose kandi abarundituvugati iyihuse ivyaribihumye ariko sinshatse kuvugako ababitanguye bihuse arikobashoborakuzosanga barihuse canke bagasanga harihageze icotwifuza nokovyoterimbere tukaronka ikintu tuvugamumakungu cizatuvuga comuri East Afrika kuruta kugumatuvurwako twirirwaturwa kubitinamacumu tujakwiba umutungo kavukire wa Congo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.