IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Burkina Fasso : Balai Citoyen buca bashigikira abarundi mu myiyerekano

Burkina Fasso : Balai Citoyen buca bashigikira abarundi mu myiyerekano

mercredi 6 Rusama 2015

Ishirahamwe ry’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso Balai Citoyen rimenyesha ko buca ryifatikanya n’abarundi bari mu myiyerekano.

Abo bari muri iryo shirahamwe bafashije mu kwomora Blaise Compaoré ku butegetsi mu gihugu ca Burkina Fasso ku wa 31 Gitugutu umwaka uheze, bavuga ko kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 7 Rusama, kuva igihe c’isaha zibiri zo mu gatondo, bazihereza amabarabara, mu kwifadikanya n’abarundi bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza. Abo bari muri Balai Citoyen, bakavuga ko Petero Nkurunziza ariko ashaka gusubira kwitoza bidahuye n’amategeko, aho abanyagihugu bagera kuri 12 bamaze kwitaba Imana kuva imyiyerekano itanguye, nayo icegera c’umukuru wa sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro akaba yarahunze mu gukiza agatwe.

Ivyo biri uko, mu gihe n’umukuru w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila Odinga, avuga ko ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko , CEDEAO n’ayandi yoshobora gufatira ibihano igihugu c’Uburundi, mu gihe Petero Nkurunziza atosokora mu kwitoza bidakurikije amategeko.


Aristide Nizigire

Messages

  • Waowwwwwwwwww komera in god we trast

  • Ces abrutis ,igihe twari mu kibila barihe izo mburakimazi,nibarabe ivyabo ces connards

  • Mbemwibaza komu Burundi twogendera kumategeko yokugihugu cabo? Muramaramaje muracurutse kabisa, nayo Odinga nafate ivyobihano uyumusi nawe azobifatirwa nabandi tugiramahora.

  • Vuganeza na I murabesha muragenda. Gutukana ndabona mubishoboye. No kwica abantu. Ivyo sivyo bikenewe pour diriger un pays. Ibihano nvyo vous avez intérêt de ne pas en avoir. Igihugu cabananiye ata bihano bihari. Hamwe bobafatira ingingo naho vyogenda bite. Murapfuuuuuuuyyyeeeeeeee. Dégagez Nkurumbi et son groupe ; vite. Ishamba murata ntawari yabatumye; nabo mwavuga ko murwanira mbona mwarabariye.

  • Mbe Vuganeza wewe ivyawe nugutukana gusa? Mwibaza ko Isi yose ibanka mbe? Erega abantu bararaba, kandi aho ukunda kuzana amoko na macakubiri wewe nabagenzawe, mbere na CNDD FDD nayene ishaka kwitiranya ikibazo ca barundi mugabo naba uraba canke ugasoma ngira ubona ko mubesha canke mugomba abarundi tugaruke mumoko mugabo murihenda umurundi uzi ubwenge afise intumbero ntiyoja mumoko.

  • reka mwabantu mwe gusara.Uburundi ntibusa na burkina faso..
    les situations ne sont pas les memes.

  • piter arasezera vyanka vyakunda ntiyarusha buyoya umutima ugumye mugabo harahaye amahoro abarundi turimaso nuwutari peter azozana ibidashoboka tuzomwiyamiriza walaia komera turatsinda peter.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.