Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC isaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kunagura amasezerano y’ubudandaji - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC isaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kunagura amasezerano y’ubudandaji

EAC isaba Reta Zunze Ubumwe za Amerika kunagura amasezerano y’ubudandaji

mercredi 9 Nyakanga 2015

Ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko (EAC) bifise umugambi wo gushira umukono ku masezerano mu bijanye n’ubudandaji mu gihe kirekire hagati ya EAC n’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Peter Kiguta ajejwe ibikorwa vy’urudandazwa mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC, yavuze ko inyandiko zisaba ko ayo masezerano yonagurwa zamaze gushikirizwa inama ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yavuze ko ayo masezerano yagutse ,arimwo kwubahirizwa no kworoherezwa mu bijanye n’amakori,nkuko bimeze ubu hagati y’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.

Iyo nama ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika niyemeza icipfuzo c’ibihugu vya EAC kizobiha amahirwe yo kwongereza igitigiri n’ubwoko bw’ibidandazwa birungikwa kw’isoko ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikinyamakuru Daily Monitor kimenyesha ko igituma EAC yipfuza ko ayo masezerano yoba ay’igihe kirekire ari uko imyaka 10 isanzwe iterwako umukono ari mike cane, bishobora gutera impungenge ko igihugu cose coyahagarika igihe kibishakiye.

Mu mwaka uheze wa 2014, urudandazwa hagati ya EAC na Reta Zunze Ubumwe za Amerika rwari imiriyaridi zibiri n’imiriyoni 800 z’Amadorare yinjiye muvyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaguze n’ivyo zarungitse mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ibidandazwa bijanwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika,bigizwe ahanini n’ibiva mu burimyi n’ubworozi.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.