Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
EAC yashize umukono ku masezerano yo gufashanya na Norvege muvyo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EAC yashize umukono ku masezerano yo gufashanya na Norvege muvyo (...)

EAC yashize umukono ku masezerano yo gufashanya na Norvege muvyo ubudandaji

vendredi 18 Nyakanga 2015

Igisata c’ubudandaji mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EABC ryateye umukono ku masezerano yo gufashanya hagati yaryo n’igihugu ca Norvege.Ayo masezerano azofasha mu guteza imbere ubudandaji.

Ayo masezerano yateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe Innovation Norway, Anita Krohn Traaseth hamwe n’umukuru wa EABC, Denis Karera, kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015.

Ibirori vyo gushira umukono kuri ayo masezerano vyabereye mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzania ahasanzwe hari icicaro gikuru c’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC,vyitabwe na Dr Richard Sezibera umunyamabanga mukuru wa EAC na Monica Maeland umushikiranganji w’ubudandaji mu gihugu ca Norvege.

Ayo masezerano y’imyaka itanu azofasha impande zose gukorera hamwe mu bijanye n’urudandazwa, ugushoreranira, harimwo n’ibijanye no kwakira inama n’ibindi bikorwa bifise intumbero yo kuzana inyungu hagati ya Norvege na EAC.

Impande zose zumvikanye ku bijanye no kwongereza amasoko mu guhanahana amakuru ,mu guteza imbere urudandazwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko no mu gihugu ca Norvege.

Ayo masezerano aje inyuma y’ibiganiro vyahuje umunyamabanga mukuru wa EAC Dr Richard Sezibera n’umushikiranganji w’ubudandaji wa Norvege Monica Maeland mu ntumbero yo kuraba uburyo hoba gufashanya hagati y’izo mpande zibiri.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.