Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Faustin Twagiramungu bamwimye uruhusha rwo kwinjira mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Faustin Twagiramungu bamwimye uruhusha rwo kwinjira mu Rwanda

Faustin Twagiramungu bamwimye uruhusha rwo kwinjira mu Rwanda

vendredi 21 Ruheshi 2013

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere mu gihugu c’Urwanda, Faustin Twagiramungu ntiyashoboye gutahuka mu gihugu c’amavukiro yiwe uno musi igenekerezo rya 21 Ruheshi nk’uko yari yabimenyesheje.

Amakuru dufise amenyesha ko Faustin Twagiramungu, umukuru w’umugambwe RDI-Rwanda nziza yoba yarabuze uruhusha rwo kwinjira mu gihugu c’Urwanda (visa). Kubera iyo mpamvu, uwo yari yatangaje icese ko ashaka gutaha gukorera politike mu gihugu c’Urwanda ntiyabaye agitahuka nk’uko vyari vyitezwe.

Faustin Twagiramungu asanzwe aba mu gihugu c’Ububirigi kuva mu mwaka w’2003, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yamenyesheje ko gushika n’ubu atararonka uruhusha rwo kwinjira mu Rwanda.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.