Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France : Claude Muhayimana uwundi munyarwanda yagirizwa ihonyabwoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > France : Claude Muhayimana uwundi munyarwanda yagirizwa ihonyabwoko

France : Claude Muhayimana uwundi munyarwanda yagirizwa ihonyabwoko

vendredi 11 Ndamukiza 2014

Claude Muhayimana, umunyarwanda yagirizwa kuba yaragize ihonyabwoko ryagiriwe abatutsi muri ico gihugu, ariko agirwako amatohoza n’ubutungane bwo mu gihugu c’Ubufaransa.

Muhayimana w’imyaka 53 y’amavuko, yagirizwa na Reta ya Kigali kuba ari mu bishe abatutsi mu mwaka w’1994, mw’ihonyabwoko ryabaye, rigahitana hafi umuriyoni w’inzirakarengane mu mezi atatu gusa. Uyo munyarwanda asanzwe afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, akaba yakuwe ku muhana iwe i Rouen, aja kumvirizwa kuri ayo mahano yagirizwa kuba yaragiriye abanyarwanda, akaba yoba yayakoreye mu gisagara ca Kibuye kiri mu Burengero bw’igihugu c’Urwanda.

Mwomenya ko, igihugu c’Ubufaransa canse gutanga uyo munyarwanda kugira aje kubarizwa mu gihugu iwe ivyo yagirizwa kuba yarahakoreye. Muhayimana Claude akaba asanzwe aba mu gihugu c’Ubufaransa, aho yahungiye haraheze imyaka 12. Igihugu c’Ubufaransa rero kikaba caheruka mu kwezi kwa Ntwarante gucira urubanza ubwambere umunyarwanda Pascal Simbikangwa, aho yasabiwe gupfungwa imyaka 25, ku ruhara yagize mw’ihonyabwoko ryagiriwe abatutsi muri ico gihugu c’Urwanda.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.