Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibihugu vyo muri EAC bigiye kwicarira ikibazo co mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ibihugu vyo muri EAC bigiye kwicarira ikibazo co mu Burundi

Ibihugu vyo muri EAC bigiye kwicarira ikibazo co mu Burundi

jeudi 7 Rusama 2015

Hagiye gukorana Inama y’akarere ko mu bihugu vya Afrika y’Ubuseruko kw’igenekerezo rya 13 Rusama, kugira bigire hamwe ibijanye n’icuka kibi kirangwa mu Burundi, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderano n’ayandi makungu wo mu gihugu ca Tanzaniya, Bernard Membe.

Inyuma y’inama yahuje abashikiranganji batandukanye bajejwe imigenderanira n’ayandi makungu mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, yariko ibera mu gisagara ca Bujumbura, ku mugoroba wo kuri uno wa gatatu, umushikiranganji yaje aserukira igihugu ca Tanzaniya, yamenyesheje ko ivyo bihugu bigiye gukoranira mu nama idasanzwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama uno mwaka. Aho bazorabira hamwe igikwiye gukorwa kugira icuka kibi kirangwa mu Burundi gihagarare.

Umushikiranganji M.Membe aramenyesha ko izo ntumwa zo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bari bishikiye mu Burundi kugira bayage n’inzego zibijejwe, bongera batahuzwe neza ingingo iherutse gufatwa na sentare y’ubahiriza ibwirizwa shingiro aho yemerera Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza gusubira kwitoza mu matora yimirije.

Mu kamenya ko ibihugu vyo mu karere ndetse n’amakungu yagumye amenyesha ko arajwe ishinga n’ibishobora gushika mu Burundi mu gihe Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yokwemera gusubira kwitoza.


Alida S.

Messages

  • NDABIPFURIJE IGIKOGWA CIZA MAIS BATAVUGA KO NKURUNZIZA ASUBIRA KWITOZA!

  • sha ndabona ataciza cova kuri gokwete, ko mbona acuditse cane na nkurunziza? ivyamaraso yabanyagihugu ariko araseseka bo ntaco bibatwaye bigombera gusazira kubutegetsi! Eeh nibahumre, ahubwo biyeze kuko bagiye gutaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.