Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Uburundi bwaraserukiwe bikwiye mu manama y’ibihugu vya Afrika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > "Uburundi bwaraserukiwe bikwiye mu manama y’ibihugu vya Afrika (...)

"Uburundi bwaraserukiwe bikwiye mu manama y’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko"

lundi 20 Nzero 2014

Mu ntumbero yo gushika kw’iterambere rirama, kandi ry’akarorero, ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’Ubuseruko bwarihaye ihangiro ryo gukora ibikorwa bijanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko na cane cane mu gushira imbere ivyogirira inyungu igihugu c’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere wa 20 Nzero 2014, umushikiranganji, Léontine Nzeyimana ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yerekanye ibikorwa vyaranguwe mu bushikiranganji arongoye, mu mwaka w’2013.
Umushikiranganji Léontine Nzeyimana akaba yamenyesheje ko muri rusangi, imigambi yari itegekanijwe gukorwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko vyararanguwe n’aho bitashitsweko vyose.

JPEG - 1006.2 ko
Umushikiranganji, Léontine Nzeyimana ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Bimwe muvyashikirijwe vyashoboye kurangurwa muri ubwo bushikiranganji, akaba ari inyigisho zo kwongerereza ubumenyi mu bijanye n’ururimi rw’icongereza, ururimi rusanzwe rukoreshwa muma nama y’ibuhugu bigize Afrika y’ubuseruko. Izo nyigisho zikaba zaratanzwe ku bantu bagera ku majana icenda n’umunani (908), muribo hakaba harimwo abakozi ba Reta, abikorera utwabo, hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike. Izo nyigisho nyene zikaba ziriko ziranatangwa ku banyeshure bagera ku 364 gushika mu mpere za kuno kwezi kwa Nzero.

Umushikiranganji Léontine akaba yemeyesheje ko Uburundi bwaserukiwe bikwiye muma nama no mu biganiro vy’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko hamwe n’umuryango wa buraya mu gushiraho amasezerano y’ubudandaji kugira habe akunguko mu bijanye n’urudandazwa.

Uburundi bwarashoboye no gusaba ikibanza gikomeye c’uko ururimi rw’igifaransa hamwe n’igiswahiri vyoza birakoreshwa muma nama y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Uburuseruko.
Uburundi bwarongeye burashira umukono ku masezerano ajanye n’ishirwaho ry’ifaranga rimwe rizokoreshwa mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu myaka cumi iri imbere. Haratunganijwe n’inganda zakozwe cane cane mu ntara zihana urubibe n’Uburundi ku bijanye no guhimiriza abanyagihugu kw’iyinjira ry’uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Mwomenya ko kubivurwa ko abanyagihugu bo hagati mu gihugu batahimirijwe bikwiye kubijanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, umushikiranganji Léontine Nzeyimana yamenyesheje ku muri uwu mwaka w’2014 ibikorwa vyo guhimiriza bizobandanya mu gihugu cose.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.