Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikoreshwa ry’indangamuntu imwe muri EAC ntibiraje ishinga Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ikoreshwa ry’indangamuntu imwe muri EAC ntibiraje ishinga Uburundi

Ikoreshwa ry’indangamuntu imwe muri EAC ntibiraje ishinga Uburundi

jeudi 9 Nzero 2014

Inyuma y’aho Urwanda, Uganda na Kenya bitanguriye gukoresha indangamuntu imwe kuva kuri uyu wa mbere Nzero uyu mwaka w’2014, Reta y’Uburundi imenyesha ko ivyo ataco bitwaye, mu gihe igitabo c’inzira Passport na Laisser-passer bigikora ukuri kwamye.

Firipo Nzobonariba umuvugizi wa Reta y'Uburundi

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, akaba amenyesha ivyo, mu gihe Uburundi na Tanzaniya bitarimwo muri uwo mugambi w’ugukoresha indangamuntu imwe nk’abandi banyagihugu bari mu karere basangiye k’Afrika y’Ubuseruko. Nzobonariba Firipo amenyesha ko Uburundi buzosanga ivyo bihugu mu nzira canke ndetse n’iyo karangamuntu imwe bunayihebe. Ivyo gushirako umukono ku masezerano y’ugukoresha indangamuntu imwe hagati y’abanyarwanda, abaganda n’abanyakenya, bikaba bitaraje ishinga Uburundi, nk’uko abandanya abimenyesha.

Tukaba twobamenyesha ko iyo ngingo izotuma abanyagihugu bo muri ivyo bihugu bitatu bazoroherwa kwinjira no gusohoka muri ivyo bihugu bitatu, nk’uko abakuru b’ibihugu babishizeko umukono. Ikindi bizofasha, akaba ari abasanzwe ari abadandaza, kuko bobo bazokoresha umwanya muto mu bijanye no gutanga umwidondoro wabo ku mbibe, mu gihe abasanzwe batarabwa n’iyo ndangamuntu bo, umwidondoro wabo usanzwe gushika n’ubu uteba, n’ubu uzobandanya ukwo wahora.


Aristide Nizigire

Messages

  • muracyafite byinshi byo gukosora mu ntwaro yanyu.

  • muvugizi wa reta ivyo uvuze nivyo tuzokoresha laisser passe na passe port iyo ndangamuntu nayo irakoreshwa nabo gusa

  • Abarundi murababaje! Mwarangiza mukavuga ngo u Rwanda, Uganda na Kenya birabaheza! Ni mwe mwiheza kubera imyumvire yanyu! Biratangaje kubona mwumva ko ibi u Rwanda, Uganda na Tanzania bakoze ntacyo bibabwiye!

  • intwaro ya CNDD itumye u burundi bugwa mu manga, nta ledearship bazi, nta diplomatie bazi donc bazi gusahura u burundi gusa none ngo iyi gahunda ntacyo ibabwiye muribesha

  • ATARUBWIRASI BWIVYO BIHUGU BITATU HARI IKINDISE? TWE ABARUNDI NTACO BITUBWIYE TUZOBANDANYA UKWO TWARI NIBISANZWE.

  • Twebwe abarundi ntidushobora gupfakwinjira mukigari gisanigitwawe na Mr. Gaciro Tweturafisubwenge twavukanye nubwomishureturabufise bukwiye mberenubwumusesekara turabufise kandindabizi ko abanyarwanda beshi babiziko dufisubwenge. kandituzokorana ntimugirubwoba turabakunda.

  • rwema wihenze cane nta tanzaniya irimwo. mbe harya mwibaza ko muri ivyo bihugu bitatu ari ikihe kirusha intwaro ibereye tanzaniya, ubutunzi, politike, n’ibindi...igihugu kitaravugwamwo intambara...oya ni politike y’inzigo kuri ivyo bihugu bitatu...hinge uburundi, tanzaniya na congo bifatire inzira y’ubutunzi, muzosigara musaba akunyu abo mwikuyeko basha.

  • Bangwe Bangwe Mwese, iyo ntambwe ibi bihugu bitatu bigize ntawutoyishima. Kuba naho uburundi butayigiyemwo ntibitangaje kuko bukunze kubanza gukwega ibirenge bugafata ingingo aruko bubonye akamaro kavyo. Niko abarundi bameze ntaco tuma bahinduka.

  • Ariko barabivuze ngo aba Nyafrica ubwacu twanka iterambere. Erega ntabwo tuzoterimbere hatabayeho gufata initiative nshasha, tukishira hamwe tukaraba niba hari ico vyotugezaho. Mureke ibi bihugu bigerageze ntabwo dushobora guhora ahantu hamwe. Ikindi Tanzania

  • nivyukuri aburundi ntidukwiye guhuruduka muvyo arivyo vyose ahubwo ndashigikiye ico umuvugizi wa reta yavumereye nico

  • none ikibaraje inshinga nigiki ? Nukuduza ibciro kandi abanyagihugu bari mubukene ntangere reta nikore ibishoboka vyonse kugira ubukene buri mubanyagihugu bugabanuke Imana ihezagire uburundi n,abarundi bose

  • murondere abayobozi bazi leadership na vision yakazoza k’igihugu cacu... naho ubundi ivyo bakoze biriya bihugu bitatu ni intambwe igana iterambere!! tureke kwihagararaho ngo ntibituraje ishinga.

  • Abarundi nta terambere mwageraho mudatahirije umugozi umwe n’abandi muri kumwe mu muryango...ubwo uribaza kuba I Kigali ukagera Nairobi ukoresheje indangamuntu gusa ukuntu bizateza imbere abaturage bibi bihugu..rwose nimuhindure Imyumvire.

  • I’m wondering what this so called leader had spoken, what ignorance!!! Look at how developed countries are doing in their coutries. THERE IS FREE ENTRANCE AND THE BORDERS ARE OPEN FOR THEIR PEOPLE. This policy attracting the foreign investors within those countries. So RWANDA,UGANDA and KENYA realized a great job as it was expected by the citizen in these countries. What burundi and TZ waiting for? Kikwete can not govern tz and the same time burundi. Wake up BADASIGANA

  • Hey Burundi what’s wrong with you?? Burundian you have to wake up!!

  • Abarundi turazinanye,baravye amahera binziza kumusi muri PAFE,nikirenga,so bakoresheje indangamuntu,amafranga yabacika.Mbe kobemeye kwinjira muri EAC,kuki banka iyondangamuntu?IYo nimitwe!

  • Abarundi bafashe ingingo yokudakwirikira k’impene iziritse mw’izosi ni vyiza ariko bari bakwiye kubisigurira abo barongoye nabo bakumva igituma hafashe iyo ngingo.
    Ndavyumva uko ikimbabaza n’uwo yabishikirije iyo ndamwibutse mu bise biheze atera induru ngo <<nturenganwe>> yasumvya Leonce na Rwasa ba 2014.Abamwegereye baramumbariza mbe ya majambo yo kwerekana ibitagenda neza yaheranye na kirya gihe?Ohh,lalalalalala Nzobanariba!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.