IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ishirahamwe MAC risaba abarundi kuguma bafatanye mu nda

ishirahamwe MAC risaba abarundi kuguma bafatanye mu nda

samedi 15 Myandagaro 2015

Ishirahamwe MAC(Ministere Africain pour la Compassion) rimenyesha ko ubwicanyi atari yo nzira izotorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe MAC Pintha Hayimana,iryo shirahamwe rihamagarira abakozi b’Imana kwigisha abayoboke babo kwama bubahana hagati yabo no kutaja mu bikorwa vyo kwihorahorana.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe MAC rimenyesha ko igihugu c’Uburundi ari igihugu cacu twese kandi ko abarundi bategerezwa kwubahana,mu bice vyose bavamwo.

Ishirahamwe MAC rimenyesha ko ubudasa n’ubutandukane bwacu haba mu vyiyumviro canke mu bwoko,ari ubutunzi bw’igihugu bufasha guteza imbere igihugu mu bisata bitandukanaye.

Ishirahamwe MAC rirangiza rishimira abarundi ko batahuye ko atawushobora kubacanishamwo,rigasaba kandi abarundi bose kuguma bafatanye mu nda.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.