IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Jean Michaelle:’’Guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi bitegerezwa (...)

Jean Michaelle:’’Guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi bitegerezwa guhagarara’’

samedi 19 Kigarama 2015

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rivuga ururimi rw’igifaransa Michaelle Jean amenyesha ko naho amakungu yagumye ahamagarira abarundi guhagarika amabi akorwa,ibijanye na politike,umutekano,agateka ka zina muntu n’ubwigenge bibandanya gusubira inyuma.

Michaelle Jean yavuze ko ibibera mu Burundi bidashobora kwemerwa,kandi ko ubwicanyi no guhonyanga agateka ka zina muntu n’ubwigenge mu Burundi bitegerezwa guhagarara.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa yavuze kandi ko ashigikiye ingingo yashikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yo kurungika abasirkare mu Burundi,hamwe n’irungikwa ry’abahinga bokora amatohoza b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Michaelle Jean yamenyesheje ko ata yindi nzira nimwe ishobora kugarukana amahoro n’umutekano mu Burundi atari ibiganiro bihuza impande zose,kuko ata gikozwe ibibera mu Burundi bishobora gufata akarere kose.Yavuze ko ishirahamwe aserukira ryiteguye gushigikira utwigoro twose twotuma amahoro agaruka mu Burundi.

Mwomenya ko mu nama y’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga ururimi rw’igifaransa yabereye i Paris kuwa 3 Mukakaro 2015,iryo shirahamwe ryashize Uburundi mu bihugu bikwiye gukurikiranirwa hafi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ahubwo nibafashe hagaruke umutekano vuba,abarund tugezehabi

  • Umuvugiswa Ivyoyavuz Vyos Bigendakumurongo Hasigay Gushikigwa Uyumufrimason Amahoro Azoca Aboneka

  • Mu Gihugu cacu c’UBURUNDI gifise INGABO zikwiye zitongerezwa kandi zitavogerwa gihora gisagurira ibindi Bihugu Ahubwo hamwe rero hogira Umusirike wikindi Gihugu Yiyadukiza aje gutera IGIHUGU cacu Abanyagihugu tuzohagurukira rimwe Dufadikanye n’INGABO ZACU tubarwanye TWIVUYE inyuma nta Bushaza bwacu Butoto n’amata y’inka zacu muzosubira kwihereza

  • Mu Gihugu cacu c’UBURUNDI gifise INGABO zikwiye zitongerezwa kandi zitavogerwa gihora gisagurira ibindi Bihugu Ahubwo hamwe rero hogira Umusirike wikindi Gihugu Yiyadukiza aje gutera IGIHUGU cacu Abanyagihugu tuzohagurukira rimwe Dufadikanye n’INGABO ZACU tubarwanye TWIVUYE inyuma nta Bushaza bwacu Butoto n’amata y’inka zacu muzosubira kwihereza

  • Iyabaribikunda twokwigiriye mwishirahamwe ryabavuga igi Shinwa canke iki rasha kuko abavuga igifransa nicongereza mwakinogihe bakoreye uburundi nabarundi ibidakwiye gukorwa muragahura n’Imana maze mukakira agakiza kayo itangira kubuntu.

  • ubwicanyi ntibuba muburundi gusa kko ntasi idahamba!hose barapfa! nimureke kwiyumvira uburundi kko uwaburemy arabuzi,ntaco buzoba sha.

  • Uyumudemunimwiza Arazadukundane TUZETUVYARE ABAZOMARA IMYAKA IJANA ANDONDERE 69136963 Damukeneye

  • Ngira mbaze ONU na UA mbega kuba murayo mashirahamwe bemera Umuntu canke bemera Igihugu Nibaba bemera Igihugu sinumva igituma batatabara ningoga iyo uwo muntu yitwa ngo n Umukuru w Igihugu ariko arica Abanyagihugu
    Mbega Umuntu yokwitwa Umukuru w Igihugu abo atwara bamwihakanye kandi
    amaze kurnga amategeko agenga Igihugu n Amahungu
    Turazi ko Ibihugu biteye imbere kandi bihurikiye murayo mashirahamwe bigendera ku mategeko agenga ivyo Bihugu ari naco gituma vyama bitekanye Nikuki bitafasha kugira Amategeko yubahirizwe Turiteze ingabo ziza kukingira Abarundi bariko baricwa n Intwaro yihaye Ubutegetsi ku nguvu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.