Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruka yatanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruka yatanguye

Kenya : Inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruka yatanguye

vendredi 20 Ruhuhuma 2015

Abakuru b’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bahuriye mu gihugu ca Kenya mu nama igira iya 16 y’abo bakuru b’ibihugu.

Muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa 20 Ruhuhuma, bakaza kurabira hamwe icegeranyo c’abashikiranganji bakurikirana ishirwaho ry’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, hagati ya Kigarama umwaka w’2013 na Munyonyo umwaka w’2014. Biranavugwa ko abo bakuru b’ibihugu baza kurabira hamwe, isubirizwa ry’uwurongoye inama nkuru y’abakuru b’ibihugu, akaba ari ikibanza cari gifiswe na Kenya, ico naco, kikaza gufatwa n’igihugu ca Tanzaniya. Ni ukuvuga ko Uhuru Kenyatta aza gusubirirwa na Jakaya Kikwete.

Biravugwa ko no mu bindi biza kwirwa, harimwo ukugena abacamanza ba sentare y’Afrika y’Ubuseruko, co kimwe n’uwuzosubirira icegera c’umunyamabanga mukuru mu kwezi kwa Ndamukiza. Iyo nama rero iriko ica ku mboneshakure yitwa NTV WEB, ikibiriraho. Iyo namaikaba kandi yitabwe n’abakuru b’ibihugu bose bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.