Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kigali : Abantu 3 barapfuye bahitanwe na gerenade, 32 barakomereka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali : Abantu 3 barapfuye bahitanwe na gerenade, 32 barakomereka

Kigali : Abantu 3 barapfuye bahitanwe na gerenade, 32 barakomereka

samedi 27 Mukakaro 2013

Abantu babiri baritavye Imana bahitanwe na gerenade, abandi 32 barakomereka mu gitero cakozwe mu Rwanda ku mugoroba w’ejo kuwa gatanu kw’isoko i Nyabugogo mu gisagara ca Kigali. Mu gipolisi bamenyesha ko bamaze gufata abantu babiri ku mvo y’amatohoza.

Inyuma y’aho izo gerenade zibiri ziturikiye muri iyo soko I Nyabugogo, amakuru duhabwa na bagenzi bacu bakorera IGIHE mu Rwanda yemeza ko abantu babiri aribo baciye bahasiga ubuzima. Umuvugizi w’igipolisi mu Rwanda, ACP Theos Badege, mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu, yaganiriye na IGIHE amenyesha ko abantu batatu aribo bamaze gupfa, 32 barakomereka. Babiri muri abo bakaba barakomeretse bikomeye.

Umumenyeshamakuru wa IGIHE yashoboye kushika aho hatewe izo gerenade i Nyabugogo, ahari amacuniro, yamenyesheje ko abakomeretse baciye bajanwa ubwo nyene kwa muganga bakaba bariko barakurikiranwa.

Mu gipolisi bamenyesha ko bamaze guta muri yompi abantu 3 bakekwako kuba aribo bateye ivyo bisasu. Abajejwe umutekano mu Rwanda barahumuriza abanyagihugu, babasaba kuguma batekanye, bakomeze ibikorwa vyabo n’ubucuruzi, ariko banabandanye gukorana n’inzego zijejwe umutekano.

Umuyobozi mukuru w’igipolisi mu Rwanda, IGP Emmanuel Gasana n’umuyobozi w’igipolisi mu gisagara ca Kigali baciye nabo bishikira ahatewe izo gerenade.

JPEG - 25.2 ko
Agace katewemwo izo gerenade, mu masaha yo ku mugoroba
JPEG - 16.3 ko
Amaraso y’abahitanywe n’izo gerenade

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.