Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kigali: Abarorerezi 36 bo muri EAC nibo bitezwe gukurikirana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali: Abarorerezi 36 bo muri EAC nibo bitezwe gukurikirana (...)

Kigali: Abarorerezi 36 bo muri EAC nibo bitezwe gukurikirana amatora

mardi 10 Nyakanga 2013

Ibiro vy’umunyamabanga w’umuryango w’Afrika y’Ubuseruko EAC bisanzwe biri i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, bimenyesha ko buca birungika abarorererezi 36 mu matora y’abashingamateka ategekanijwe kuri uyu wa 16 Nyakanga uyu mwaka.

Abo barorerezi b’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko bakaba bitezwe gushika i Kigali ku munsi w’ejo igenekerezo rya 10 Nyakanga umwaka w’2013, bace bakurikirana ayo matora gushika kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 2013. Amakuru dukesha bagenzi bacu b’ikinyamakuru IGIHE.com mu Rwanda, bavuga ko haheze iminsi mike hateguwe umurwi muri EAC, uyo nawo ugakora mu rwego rwo gukomeza intwaro rusangi mu karere, ndetse hakaba haranatanzwe ubutumire, aho Urwanda rwasaba abayobozi ba EAC gukurikirana amatora y’abashingamateka ategekanijwe kw’isango rya 16 gushika ku rya 18 Nyakanga. Uyo murwi rero ukaba urongowe na Musa Sirma, aturuka mu gihugu ca Kenya.

Uretse ko uyo murwi uzoba uzanywe n’ugukurikirana ayo matora mu gihugu kibanyi c’Urwanda, uzokurikirana kandi ukwo imyiteguro izoba iriko iragenda, iminsi itanu imbere y’uko isango nyezina rigera, abanyagihugu bakitorera ababaserukira mu nama nshingamateka y’ico gihugu. Muri abo 36 rero bazoba bari mu barorerezi b’ayo matora, bamwe ni abashingamateka bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, abandi ni abaserukira imirwi iharanira agateka kaz zina muntu muri EAC.

Inyuma y’ugukurikirana ayo matora, uyo m urwi uzoca utanga icegeranyo ku buryo ayo matora azoba yagenze, utange utunenge tuzoba twibonekeje, maze tuze duce dukosorwa mu matora azokurikira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.