IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > MAPROBA yoba ifise intumbero iyihe mu Burundi?

MAPROBA yoba ifise intumbero iyihe mu Burundi?

lundi 21 Kigarama 2015

Mu gihe inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryashikirije umugambi wo kurungika abasirikare mva makungu bahurikiye mu rwego MAPROBA, abatari bake baribaza ico urwo rwego rugamije mu Burundi.

MAPROBA (Mission africaine de prévention et de protection au Burundi) izoba ifise igikorwa cogukinga ko umutekano ubandanya guhungabana mu Burundi,no gufasha mu gikorwa co gukingira abanyagihugu bashobora kubangamirwa.

MAPROBA kandi izoba ifise igikorwa co gufasha gushirahao ibikenwe vyose kugira ibiganiro bihuza abarundi bibe ata ngorane hamwe no gufasha mw’ishirwa mu ngiro ry’ibizoba vyumvikanyweko n’impande zose.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryashikirije uwo mugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi inyuma yahoo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 abantu barenga 80 bitavye Imana inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi atatu y’abasirikare mu gisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NIMUBIYAMIRIJEMWIVUYINYUMAKUKONTACOBODUFASA KOBABONABOFASANIBAJEMUBUFARASANOMURWANDA NOMURISOMARIYA

  • ayomajambo ntituyakeneye vyiza tuzanire ningoga aba dd bomoke uruhigi rurahindukiye imbeba igira yirukeko akayabu

  • Izo nteko ntizizapfa zikandagije ikirenge muburundi. Ababirota muribeshya. Uburundi buratekanye.

  • Nibaze Turuhuke Noneko Umwicanyinkuru Atinyakobaza Bashakakumarabeneburundi Benakagwikiwengonireta Ntiyemewe Yankayemera

  • Ayo ni amajambo gusa yo kwerekanako bashigikiye amahoro ariko batari bubishire mu ngiro!Iyo kutaba ari ukwicishurwehe baba babitangaje bamaze gushika kuko twahonye!Nibaze badufindanirako burya hazogeraho dutabarwa naho hazoba hasigaye abari ku rushi Uwiteka ntiyokwemera ko duhona!

  • kwikyana nacyo bimaze? kumena amaraso utaremye.. ni bintu bibabajje!!!!...reka gukundana kubeho...namagyambere!!!

  • Twababwiye aho aboba terrorist bazagutera amakambi ya gisirikare nabene gihugu ariko ntimwabikoreyeko , none ngo kurungika abasirikare Burundi ngonivyovyerekana komukunda u Burundi na barundi!? Umwe uvyo vyokurungika abobasirikare Burundi nivyo urwanda na Kagamewarwo rushaka kugira nibarungika baba terrorist abasirikare biburundi birarabire ngoharaje abasirikare mpuzamakungu noneho bazosange igihugu carafashwe kera, ikindimwomenya nuko murabobasirikare hozobaharimwo abakorera Kagame na Micheal womu Bubiligi abonabo bakaba baramaze kumenyeshako vyasebikunze arukurwanya INkurunziza na reta yayo. Komwase kujakubuza Kagame kuguma adushohorerako aba Terrorist reka gushaka namwe kumushigikira imbonakubone.

  • Nibakenewe kuza konona uburundi.murwnda ibintu vyayangaye batariho?

  • Barahumba mwiyankire ntibahonyore kubutaka bwigihu cacu, mu rwanda iyo hatazakuba abasoda babanyamahanga Kagame ntaba yaragize ubwicanyi nkuko bwakozwe amaze keica umukuru wigihugu abanyagihugu nabo vyababaje baciye bagwa mumutego nakababaro keshi baca bakora ihonya bwoko. About nukubiyamiriza twivuye hasi. Nibarungikwe murwanda naze kubuza Kageme guforima abaza kudutera.

  • Mubiyamirize ntubaze bahonyira kubutaka bwigihugu cacu. Murwanda iyohataza kuba abasoda mpuza makingu Kagame ntabayaraguze ubwicanyi yagize akica umukuru wigihugu, abanyagihugu nabo baca bagwa mumutego bakora ihonyabwoko kubera ishavu nakababaro kagame yabateye. Ahorero abarundi turahabona basha.

  • Jewe Kubwanj Mbon Ab Basirikare Bobnz Bakarindr

  • UA ntakuri ifise ninsumirinda birabonekako ije gufasha abatera umutekano muke mu burundi.mbe kwabo basirikare batarungitswe habaye kudeta kugira barwanye abahirika ubutegetsi? ko AU yigwiriye mutwatsi biraboneka koboba bajegutegura iyindi twarabahinyuye.

  • UA ntakuri ifise ninsumirinda birabonekako ije gufasha abatera umutekano muke mu burundi.mbe kwabo basirikare batarungitswe habaye kudeta kugira barwanye abahirika ubutegetsi? ko AU yigwiriye mutwatsi biraboneka koboba bajegutegura iyindi twarabahinyuye.

  • Ivyabo Turabiziko Atamaho Badushakira Twebwe Abarundi. Nibaza Tuzobakira Nkukwo Twakira Inkozikibi Ukwobirikwose Muburundi Tuzokwivuna Turafise Ingabo Zibishoboye.

  • TURAJE MUREKE KUMENA AMARASO. UREKE IBYOMWIGIZE. MUMENA AMARASO NKABANDE. ABOMWICA HARI NUMWE MWAREMYE. INZIRA KARENGANE BURIMUNSI. MWATUJE MUKABANA MUMAHORO.

  • Mbegabobasoda bazoba baje gukuraho ubukene ninzara vyugarije abenegihugu IMANA niyo itangamahoro uburundi dufise ivyodukwira icombona nuko twoja kumirimo yaminsi yose tubikunze abategetsi nabo nibashigikire abarikukivi abasamaza babareke amaso yibikere ntabuzA abavoma twebwe asosiyasiyo yacu iri kukivi raba kuri site webe / www.cpsburundi.org

  • nibanyaruke turuhuke na gato basi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.