Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Miss Elinah yarapfuye agandaguwe n’umugabo wiwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Miss Elinah yarapfuye agandaguwe n’umugabo wiwe

Miss Elinah yarapfuye agandaguwe n’umugabo wiwe

jeudi 1er Myandagaro 2013

Mw’ijoro ryo ku wa kabiri igenekerezo rya 30 Mukakaro 2013, niho umunyarwandakazi Linah Keza yabaye Miss Africa mu mwaka w’2009 yishwe n’ umugabo wiwe David Kikaawa babana mu gihugu c’Ubwongereza.

Amakuru dukesha The Investigator yandikirwa muri Uganda avuga ko Miss Keza Elinah yitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira kuwa gatatu. Ayo makuru abandanya avuga ko umugabo wa Miss Elinah yatashe mw’ijoro, bagirana utubazo twabaviriyemwo kurwana. Uwo mugabo wiwe yaciye amufata aramuniga, ahejeje amutera icuma, Miss Linah Keza aca yitaba Imana.

JPEG - 35.8 ko
Umuhisi Miss Elinah Keza yagandawe n’umugabo wiwe

David Kikaawa, ahejeje kugandagura umugore wiwe nawe yaciye aja kwiyahura, ikiziga ciwe bagitoye ahitwa Club 791, mu gihugu c’Ubwongereza mu maja ruguru y’igisagara ca Londres.

Miss Elinah n’umugabo wiwe David Kikaawa bari bafitaniye umwana umwe w’ umukobwa yitwa Holy. Gushika ubu uwo mwana yasigaranye na sewabo(mwenewabo na David Kikaawa) aba nawe nyene mu gihugu c’Ubwongereza.

JPEG - 39.9 ko
David Kikaawa ( i bubamfu) ari kumwe n’umugore wiwe Miss Elinah Keza ( i buryo)

Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.