Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi : Akarinyuma karahinda ku bakunzi biwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi : Akarinyuma karahinda ku bakunzi biwe

Mkombozi : Akarinyuma karahinda ku bakunzi biwe

vendredi 9 Myandagaro 2013

Mu nyuma yaho umuririmvyi Mkombozi atwariye ihiganwa rya Isanganiro Awards ku ndirimbo yiwe yitwa Urudubi, yagiye araronderwa n’ibinyamakuru vyo mu Burundi ariko ntibishobore kumubona. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yashoboye gusigura imvo zabimutumye.

Mkombozi avuga ko kutari ugusuzugura abamenyeshamakuru kuko azi neza ko aho ageze babifisemwo uruhara rukomeye, gusa vyatewe n’uko inyuma yo gutahukana agashimwe ka Isanganiro Awards vyabaye ngombwa ko aja kukereka incuti n’imiryango yiwe. Abandanya avuga ko umunsi yatahukanye ihiganwa ry’Isanganiro Awards yaciye aduga i Makamba iwabo, amarayo iminsi mikeyi inyuma yo guca aja mu gihugu ca Tanzaniya kwereka ako gashimwe umwana wiwe Antivirus Nadine ari naho yamazeyo igihe kirenga indwi.

Ikindi catumye ataboneka, ni ukwo yariko arategura indirimbo yo gukengurukira abakunzi biwe. Iyo ari mu bihe nk’ivyo rero, ngo aba afise agacerere.
Yasozereye avuga ko ubu yateguye kuremesha ikiganiro n’abamenyeshamakuru kuri wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro 2013, aho rero niho azotangurira kumenyesha neza imvo zari zamutumye aja mu gacerere n’ivyo yariko arategura.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.