Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha

Mkombozi arindiriye kwerekwa n’Imana umukunzi mushasha

jeudi 14 Ntwarante 2013

Umuririnvyi Mkombozi haraciye iminsi ahebanye n’uwahoze ari umukunzi wiwe, twaramwegereye turamubaza niba atawundi mukunzi yoba araronka; atubwirako umuntu aronka uwo ashaka. Kubwiwe ngo ivyo ntavyo yiyumvira kuko ubu yibereye mu gitabo yandika indirimbo.

Akomeza avuga ko agiye kwitonda,ngo ntakwihutira ivyabakunzi kuko ivyo yabonye kuri Sharff biruta cane ivyo yize ngo kuko ubu arafise dogitora y’ubuzima bwo mw’isite.
Ubu rero Mkombozi avugako ivyo yitayeho ari indirimbo yiwe shasha ariko akorera kwa Amri Pro iyo nayo ikazoba yagiye ahagaragara mu kwezi kwa kane, ikazoba yitwa “ Umubanyi siwe mu ryango”.

Ivy’ urukundo ntavyo yitayeho cane ngo kuko azwi nkumuririmvyi atazwi nk’uwukundana, ngo ntiyobona umwanya wo kurondera ibintu vyumvirizwa n’abarundi imiriyoni umunani mbere n’abahandi hirya no hino hama ngo umukobwa umwe abe ariwe umutesha umwanya wo gukorera abo.

Avuga kandi ko niyongera kumva ashaka gukunda azokunda uwo azerekwa n’Imana kugirango atazomugira nka Sharff yari yarahinduriye izina akamwita Mkombozine canke ngo asange yarirukanye umugore aguguna igufa hama akazana uwurimirira aho.
Mkombozi amenyesha ko azokwama ibihe vyose ari “Hasta la Victoria simple” bisobanurwa ko ivyiwe bizokwama bishikana kunstinzi kandi bigakundwa n’abakunzi biwe .


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.