Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu

Mkombozi na Mkombozine bavanye burundu

mardi 26 Ruhuhuma 2013

Mbonimpa Shariff bari basigaye batazira Mukombozine biturutse ko ari umukunzi pfampfe w’umuririmvyi Mokombozi, yasubiye kwizina ryiwe rya kera kuko Mokombozi yashizeko akaburungo ko guheza ku rukundo bari bafitaniye. Ivyo vyabaye mw’ijoro ryuwa 22 Ruhuhuma 2013 nkuko uwo muririmvyi yabimenyesheje.

Icatumye Mukombozi ahagarika urukondo bari bafitaniye na Shariff ni uko uwo mwigeme yagiye mu giteramo co mw’ijoro kandi Mukombozi yari yarabimwihanije. Ico giteramo cari cabereye mu kirabo co mu Kamenge citwa “Iwabo w’abasigaye”.
Ariko umuntu avyihweje yokwibaza nimba Mukombozi atari yashatse kera kumuheba abura iyo abihera kuko kuva Shariff avyumvise yaciye amusaba ikigorwe yicishije bugufi mugabo Mukombozi aranka kumubabarira. Mbega ico coba ikintu cotuma uheba umukunzi wawe pfampfe?

JPEG - 36.6 ko

Umukobwa we avuga ko Mukombozi yoba yamuhoye iyindi mvo atari iyo yokuja mu giteramo kuko atigeze “amuvanga” n’abandi. Shariff arongera akamenyeshako yahora amenyako Mukombozi “yamuvanze” ariko akabirengera, akamubabarira kubera amukunda cane. Uwahoze atazirwa Mukombozine amenyesha kandi ko yababajwe cane no kwumvako Mukombozi yavuze ko ari “imaraya”. Vyongeye, ngo si iryambere abivuga kandi kenshi barahatswe kubipfa.

Bayamaze bati:” aho rwaciye ntihaca urwanko”, vyoba biheze hagati yabo koko?
Kazoza kazobitubwira.


Joel sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.