Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi yarasiguye igituma yise umwana wiwe “ANTIVIRUS“ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yarasiguye igituma yise umwana wiwe “ANTIVIRUS“

Mkombozi yarasiguye igituma yise umwana wiwe “ANTIVIRUS“

mardi 5 Ntwarante 2013

Thomas Nzeyimana azwi kw’izina rya Mkombozi, n’umuririmvyi w’Umurundi. Afis’ umwana umwe yavyaranye n’umwigeme avuka mu gihugu ca Tanzaniya yitwa Asha.
Uwo mwana w’imyak’ine yamwise Antivirus Nadine. Iryo zina ryaratangaje abantu benshi, bituma bashaka kumenya igituma abavyeyi b’iwe bamwise uko.

Mkombozi yavuze ko igituma yamwise Antivirus, ari kubera ukuntu nyina w’umwana akimenya ko afis’imbanyi y’amezi atatu, yagerageje kwiha imiti yica. Ngo kuko yumva ko kubera Mkombozi ari Umurundi, igihe cose yoshobora kugenda kure akamubura, bigatuma aja muri nankana.

JPEG - 36 ko

Mkombozi abandanya avuga kandi ko imbanyi igeze kumezi umunani, nyina w’umwana yasubiriye kwiha umuti wica ngo apfane n’umwana biba ivy’ubusa.
Niho Mkombozi yabona ivyo vyose akumva ko, naho umwana yovuka, azovuka har’icabuze kubera iyo miti.

Inyuma y’amezi icenda, umwana araheza avuka akomeye, ata ngorane n’imwe afise. Ivyo vyaramunezereje cane bica bituma amwita Antivirus, kuko uwo mwana yashoboye kurwanya virus z’iyo miti akiri mu nda ya nyina hama avuka ari muzima ata kibazo na kimwe afise haba mu bwenge canke mu bindi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.