Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mkombozi yerekanye ko yababajwe n’ibidandazwa vyiwe vyahiriye mw’isoko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > inkuru > Mkombozi yerekanye ko yababajwe n’ibidandazwa vyiwe vyahiriye mw’isoko (...)

Mkombozi yerekanye ko yababajwe n’ibidandazwa vyiwe vyahiriye mw’isoko nkuru

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Mkombozi ni umusore amaze kumenyekana nk’umuririmvyi yabigize umwuga ariko ivyo ntivyamubujije ko yikorera utwiwe kuko ngo yadandariza mw’isoko nkuru iherutse gusha i Bujumbura.Ubu rero yahisemwo kugaragaza umubabaro wiwe Acapa k’umubiri wiwe tatuwaje yanditseko isoko ndetse agaragaza n’umuriro .

Tukibona iyi foto twaramwegereye tumubaza igituma yifotoje iyo foto atubwira ko aribwo buryo yumva bwomufasha kutazokwibagira izo ngorane zashikiye abarundi zikabatwara ivyabo vyinshi ndetse harimwo n’ivyiwe.

JPEG - 34 ko

Ngo iyo foto izoba icibutso c’ivyabaye kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2013 kuko ngo abona ko kuririmba no kwifotoza agafoto nk’ako biri mu bintu yokora ngo yerekane umubabaro wiwe kuko hari n’abakunzi biwe benshi baburiye ivyabo muri iyo soko.

Ngo vyose rero iyo abiravye yumva umubabaro mwinshi ariko arangiza avuga ko hahiye amahera n’ibintu ariko ntihahiye umutwe ngo bazosubira kuronka ibindi avuga kandi ko,ak’ imuhana kaza imvura ihise, rero ko abarundi batosinzira amakungu akadushigikira asanga natwe twishigikiye.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.