Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ONU igiye gufashanya na Kenya gutuza iterabwoba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > ONU igiye gufashanya na Kenya gutuza iterabwoba

ONU igiye gufashanya na Kenya gutuza iterabwoba

dimanche 29 Ruheshi 2014

Mu rugendo ariko aragira mu gihugu ca Kenya, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Bani ki Moon amenyesha ko ico gihugu kigiye gufashwa kurwanya iterabwoba.

Mu rugendo yatanguye muri ico gihugu ca Kenya ku va ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 27 Ruheshi, Ban ki Moon avauga ko yayaze cane n’umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta ku bijanye n’ingene ico gihugu cofashanya n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kurwanya iterabwoba. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rero rikiyemeza gufashanya n’ibindi bihugu bitandukanyevyo muri Afrika mu kurwanya iterabwoba.

Mwomenya ko kuva aho igihugu ca Kenya gifashanirije n’ibindi bihugu vy’Afrika mu mwaka w’2011, mu kurwanya imirwi y’aba el shabaab mu gihugu ca Somaliya, kimaze kugirwako ibitero n’abavuga ko bakorana na al qaeda, umurwi w’inkozi z’ikibi zitwaza iterabwoba kw’isi, aho inyubakwa y’ubudandaji ya Westgate yatewe mu kwezi kwa Nyakanga umwaka uheze, abantu bagera kuri 67 bakahasiga ubuzima.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.