IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R-flow > Inkuru > R-Flow: impamvu asigaye yitaba ibiteramo yambaye ibirato bidasa

R-Flow: impamvu asigaye yitaba ibiteramo yambaye ibirato bidasa

jeudi 28 Ntwarante 2013

Abakurikiranira hafi umuririmvyi R-Flow babonye ko mu biteramo vyinshi amaze iminsi yitaba hano I Burundi aba yambaye ibirato bidasa, ivyo rero vyatumye abantu benshi bibaza igituma nico vyatumye tuboneraho akaryo ko kumubaza imvo zituma yambara ibirato bidasa.

R-flow avuga yuko abikora n’impaka kuko afise imyambaro mishasha yise ngo “Flow style”.

JPEG - 8.9 ko

Ivyo rero akaba abona ko abantu batari bakwiye kubitangarira kuko uretse ibirato, n’impuzu agiye kuza arambara zizoba zitangaje gusumba kuko ngo iyo umuntu amaze kumenyekana agomba gukora vyinshi bimutandukanya n’abandi.

Arongera avuga ko iyo Flow Style yiwe yumva izomufasha mu kumenya vyinshi kubijanye n’imyambaro igezweho, ko kandi uretse ko kwambara ibirato bidasa abona ko navyo vyamutandukanije n’abandi ariko ngo intumbero nyamukuru y’iyo Style niyo kwambara ibiryohera abakunzi biwe.

Arangiza ashimira abakunzi biwe bose bama bamuba hafi mu kumushigikira haba mu buryo no mu vyiyumviro bitandukanye, akababwira ko nawe abategekanirije ivyiza vyinshi imbere harimwo indirimbo nshasha agiye gusohora.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.