IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > R-flow > Inkuru > R-flow na Chanelle basigaye ari nk’ipata n’urugi murukundo

R-flow na Chanelle basigaye ari nk’ipata n’urugi murukundo

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Karimunda Riche-Florin azwi kw’izina rya R-flow uwo Chanelle asigaye yita “King chanelle” na Gitare Chanelle basigaye bita “Queen flow” kubera umukunzi wiwe R-flow; inyuma yaho bumviye ko harabababeshera ngo barahebanye bagiye umugambi wo guhinyuza iyo nkuru,Ubu bakaba bakundana nk’ipata n’urugi.

JPEG - 47.1 ko

Nkuko babimenyesha ngo mu minsi iheze hariho abantu bavuze amakuru atariyo ko Chanelle ashobora kuba yarahebanye na R-flow ngo babihereye kundirimbo nshasha ya chanelle yitwa “VYANDENZE”.

Chanelle akavugako ababivuga batategereye neza ico iyo ndirimbo ivuga,kuko iyo uyumvirije wumva avuga urukundo ntaho bihuriye nivyo guhebana n’umukunzi wiwe.Ngo impamvu yamuteye gukora iyo ndirimbo nuko hariho ahantu yagiye aca ahahurira n’umusore mwiza aramukunda ariko aca abona ko birenze umukunzi wiwe King flow kuko yibajije vyinshi niko guca akora iyo ndirimbo ayita “VYANDENZE” .

JPEG - 53.5 ko

Kuruhande rwa R-flow we ngo abona urukundo rwiwe na Chanelle rugenda rukomera uko iminsi igenda irarenga, kuko ngo uretse no guhebana no gushwana bimwe vyabakundanye ntavyigeze biba muri iyi minsi .

Akomeza kandi avuga ko kuba abantu bavuga gutyo nta ntege bibaca .Ngo iyo uvuze ukemeza ko abantu bakundana kandi bemerana bahebanye kandi atacemezo ubifitiye ndeste atarivyo utuma urukundo rwabo rukomera kurushiriza .

R-flow ngo Queen flow azoguma ari Chanelle, Chanelle nawe ati King Chanelle azokwama imyaka yose ari R-flow.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.