Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Richard SEZIBERA yoba azosubirirwa n’uwo muri Tanzaniya? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Richard SEZIBERA yoba azosubirirwa n’uwo muri Tanzaniya?

Richard SEZIBERA yoba azosubirirwa n’uwo muri Tanzaniya?

lundi 22 Nyakanga 2014

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko barabeshuza amakuru avuga ko Uburundi bwoba bwiteguriye guhebera Tanzaniya ikibanza c’ubunyamabanga bukuru bwa Afrika y’ubuseruko.

Umunyamabanga mukuru wa Afrika y’ubuseruko, Richard SEZIBERA wo mu gihugu c’Urwanda azorangiza ikiringo ciwe c’imyaka itanu mu 2016. Nk’uko amasezerano ari hagati y’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko abivuga, ibihugu birakuranwa kurongora ubwo bunyamabanga, Uburundi akaba aribwo bushikiriwe. Haravugwa amakuru ko abakuru b’ibihugu babiri, uw’Uburundi n’uwa Tanzaniya, boba bariko barumvikana kugira Uburundi buhebere ico kibanza abatanzaniya. Nk’uko ayo makuru abivuga, ukwo kwumvikana kwoba kuriko kuva ku bategetsi b’Uburundi bavuga ko batiteguye mu bijanye n’uburyo busabwa, hamwe n’ibindi, ari naco gituma boba bashaka guhebera abatanzaniya, Uburundi nabwo bugahabwa ibindi bibanza.

JPEG - 55.5 ko
Richard SEZIBERA azoheza ikiringo ciwe mu mwaka w’2016

Mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko barabeshuza ayo makuru. Jean Claude Niyongendako, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko uwuzorongora ubwo bunyamabanga atorwa mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.