IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > RSF imenyesha ko abamenyeshamakuru 110 aribo bishwe mu mwaka (...)

RSF imenyesha ko abamenyeshamakuru 110 aribo bishwe mu mwaka w’2015

mercredi 30 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF (Reporters sans frontières) imenyesha ko abamenyeshamakuru 110 aribo bishwe bazira akazi kabo mu mwaka w’2015.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe RSF casohotse kuwa kabiri igenekerezo rya 29 Kigarama 2015, iryo shirahamwe rimenyesha ko abamenyeshamakuru 67 aribo bishwe bari mu kazi kabo.

Muri ico cegeranyo,RSF imenyesha ko abandi bamenyeshamakuru bishwe mu bundi buryo, ariko ibimenyetso vyerekana ko bishwe bahowe umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Ico cereranyo ca RSF cerekana ko ibihugu nka Iraq hiciwe abamenyeshamakuru 11,Siriya hiciwe abamenyeshamakuru 10 n’Ubufaransa hiciwe abamenyeshamakuru 8 ku bitero vyabaye mu kinyamakuru Charlie Hebdo,ariho haguye abamenyeshamakuru benshi.

Ico cegeranyo cerekana ko Iraq na Siriya arivyo bihugu birwamwo abamenyeshamakuru benshi aho bamwe bagirwako ibitero,abandi bakagwa mu ntambara baba bagiye kuronderamwo amakuru.

Umunyamabanga mukuru wa Reporters sans frontiers, Christophe Deloire avuga ko mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU casohotse mu kwezi kwa gatandatu 2015 ,ONU yerekanye uburyo bwo gukingira abanayamakuru ariko ntibwigeze bushirwa mu ngiro.

Mu bindi bihugu vyaranzwe n’ubwicanyi bw’abamenyeshamakuru benshi mu mwaka w’2015 harimwo Mexique, Philippines n’Ubuhindi. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko akenshi abamenyeshamakuru bicwa mu ntumbero yo kubanumya no kunyegeza ukuri kw’ibikorwa n’abagizi ba nabi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.