Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Abantu 11 bafatiwe imbere y’inzu y’umukuru w’igihugu Paul (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Abantu 11 bafatiwe imbere y’inzu y’umukuru w’igihugu Paul (...)

Rwanda : Abantu 11 bafatiwe imbere y’inzu y’umukuru w’igihugu Paul Kagame

mercredi 24 Mukakaro 2013

Igipolisi co mu gihugu c’Urwanda caremeje ko cataye muri yombi abantu 11 mu gisagara ca Kigali kibagiriza gukora imyiyerekano itemewe.
Abo bantu bivugwa ko bahurikiye mw’itsinda ryitwa “Intwarane” bakomoka muri EKereziya Gatolika n’aho ubuyobozi bw’iryo dini mu Rwanda buvuga ko atari urwego rwemewe na Ekleziya.

Bivugwa rero ko aba bantu bafatiwe hafi y’urugo rw’umukuru w’igihugu Paul Kagame ruri mu gisagara ca Kigali. Amakuru dukesha BBC amenyesha abo bantu bavuga ko bafite ubutumwa bahawe na Bikira Mariya, bakaba bari babushiriye umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umukuru w’igipolisi Emmanuel Gasana yemeje ko inkuru y’ifatwa ry’aba bantu ari iy’ukuri.
Ku kibazo co kumenya impamvu bafashwe, Emmanuel GASANA yamenyesheje ko bagirizwa gukora imyiyerekano itemewe, ayo makuru nyene akabandanya avuga ko abo bantu bafatiwe kw’irembo ry’urugo rw’umukuru w’igihugu Paul Kagame.

N’aho abo bantu bavuga ko bari bafise ubutumwa barungikanwe na Bikira Mariya, ntivyashobotse kumenyekana ubwo butumwa ubwo aribwo.

Abo bantu biyita “Intwarane za Yezu na Maria” bemeza ko bivuganira na Yezu na Mariya imbonankubone.

Mwomenya ko rukirikirane rw’ifatwa ry’abo bantu, harimwo n’umupadiri yatawe muri yompi inyuma y’abo bantu 11. Umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Kigali aho naho yasiguye ko bariko bararondera umuntu wese yoba afise uruhara canke amakuru kuri ico gikorwa, akamenyesha ko mu nzego z’umutekano hataragera ko hari amakuru aramvuye yotangwa kuri ico kibazo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.