Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mw’ibarabara basaba irekurwa rya Lt Gen (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mw’ibarabara basaba irekurwa rya Lt Gen (...)

Rwanda: Abanyagihugu bazindukiye mw’ibarabara basaba irekurwa rya Lt Gen Karake

mercredi 24 Ruheshi 2015

Abanyagihugu barenga amajana bazindukiye mw’ibarabara ku murwa mukuru w’Urwanda Kigali bagana ubuserukizi bw’Ubwongereza muri ico gihugu,basaba irekurwa ry’umukuru w’igendereza Lt Gen Karenzi Karake yafashwe n’igipolisi c’Ubwongereza.

Abari mu myiyerekano bagenda baravuga amajambo bavuga ko bashaka Karenzi Kareke wabo,kandi ko biyamirije agasuzuguro k’abongereza.

Umuyobozi w’urwego rw’igendereza rw’Urwanda, Lt Gen Emmanuel Karenzi Karake, yafatiwe mu gihugu c’Ubwongereza ku mpamvu zifitaniye isano n’impapuro zisaba ifatwa rya bamwe mu basirikare bakuru mu gisirikare c’Urwanda bashika 40 zatanzwe n’ubutungane bw’igihugu ca Espagne,mu mwaka w’2008.

Igipolisi c’Ubwongereza camenyesheje ko gifashe Lt Gen Karenzi kuwa Gatandatu w’indwi iheze ku kibuga c’indege ca Heathrow.

Abitavye urwo rugendo bahagaze ahakorera ubuserukizi bw’Ubwongereza ku Kacyiru mu Karere ka Gasabo, umwe mu bari bitavye urwo rugendo yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko baje bazanye ubutumwa bw’amahoro,kandi ko indongozi yahagaritse ihonyabwoko ariyo bafahse mu gihe abarikoze bobo bidegemvya.

Abari mu rugendo bashitse k’ubuserukizi bw’Ubwongereza,bayihagarara iruhande, kuko hari hugaye kandi abapolisi bahacungereye umutekano. Abanyagihugu nibo bumvikana mu majwi basaba ko uwuserukira Ubwongereza mu Rwanda yosohoka akabasigurira ivy’ifatwa rya Lt Gen Karake.

Abitavye urugendo bose vyaboneka ko bari abantu bahagaritse akazi, bahitamwo kuja gutanga ubwo butumwa ku buserukizi bw’Ubwongereza, ariko nta bayobozi mu nzego za Reta babonetse muri urwo rugendo.


IGIHE

Messages

  • Yahagaritse ibibi mazenawe acarakora ibisa nivyabandibaribakoze nibahanywe bitagwnzukwo twese turaje dukore amabi maze uwuzotuvugisha tuzozeturamubwirako naba Kareke bakoze amabi atacobabaye.

  • Ibihe byarahindutse. Nabakomeze badusetse ngo bari mw’ibarabara. Azakatirwa imyaka 100 cg aterwe urushinge nka Milosovic

  • Nafatwe na kagame kimwe na museveni kuko nibo ntanduruko yayo mabi yose kuko iyo batica HAVYARIMANA ntabara ryari kugwa .

  • NIBAREKUBUTUNGANE BUKORE NIBASANGA YERA AZOREKUGWA NIBAZA KWABAMUFASHE ATARABASAZI BARAFISIMPAMVU NIBASANA ATAKIMWAGIRA AZOREKUGWA NGIRA NABARUNDI BACU BOBONA KWICAHA COKWICA KIDAHERANWA NUAWO HAHERIMYAKA AMATEGEKO NTABORA AGUMAHO

  • abanyarwanda bakunda ugihugu cabo sinkamwe muturira abantu babona,mugaturira icibazo careta cabana bigihugu. bibaye ngaha bamwe barara baratamba ariko abanyaRda bose ubu bafatanye munda bararwana kumunyarwanda mwene wabo.

  • abongereza bazi democrat ico arico nibamufate bamugumye abazwe ivyo yakoze nkaba ndababwiye bakomere kumugambi

  • jew nsanga ari vyiza pe!nahanwe

  • Nibarkubtungan bukre kndi kurbose ntakrenganyo.ehee!icudashaka ko bakgirir ntukkigirir abndi.twse turibremwa.

  • Ibintu Vy,uburundi Nu Rwanda Biratangaje,bamwe Bararonka Ubutungane Vyashika Kubandi Bati Ekadaaa!Naho Abantu Tutoronka Ubutungane Aha Kwisi ,imbere Y ,IMANA Twizerako Naba Lt Gn Bazorenguka Kandi Boroshe.

  • abarundi mwubama mugaramye . ntabwo muzigera mugera k,urwanda twarabasize . niyo mpamvu muzahora mufite Roho yu mukara.

  • Ni hatari, Pacifique n’abafashe ikiraka kirabonetse ca manifestation na za ngabo ziwe. Vraiment ni bareke ubutungane bukore. Hama none biragenda gute na 3eme Mandat yashaka? Ahubwo bari kwiyamiriza na 3 eme mandat ya KAGAME nayo. Abo 40 bavugwa ni babafate ahubwo. Mwabonye ubugenzi bw’abazungu? nubwo rero mu ncamake. Sawa ok.

  • NI HATARI...PACIFIQUE IKIRAKA KIRABONETSE COMOKA RWANDA NAHO ABO BAHUNGU BAWE BAJE GUTURIRA MA PNEU N’ABANTU...
    RIKO ABANYARWANDA SONT INTELLIGENTS BABIGIRANA UBWENGE BWINSHI CANE NTA VIOLENCES ZIRIMWO.
    PACIFIQUE N’ABO MURIKUMWE NI MUHAKURE ICIGWA.

  • TURASHIMYE CANE UKUNTU ABANYARWANA BAGIZE IMYIGARAGAMVYO MU MUEKANO NTANGERE...PACIFQUE NABANDI NI BAHAKURE ICIGWA.
    NTA GUTURIRA ABANTU...NTA MA PNEU ATERA IVYUKA BIBI...EKA IBINU BIMEZE NEZA
    ARIKO IVYUGUTIRIRA IMIDUGA SI SAWA KUO NKUBU IYATURIWE TUZOYISHUZA VUBA CANE.

  • Jew sinshigikiye ko abanyafrika batunganirizwa n’abazungu. Ibihugu vya afrika navyo nyene birafise ubutungane bwavyo, nibareke abanyafrika bitunganirize ivyabo hanyuma abanyaburayi canke abandi batunganye ivyabo. Afrika yarikukiye nta gacinyizo k’abazungu kobandanya. Yarakoze icaha nacigwe urubanza n’ubutungane bw’igihugu ciwe. Harageze ko afrika tuba umwe kugira dufate mu ntoke ibibazo vya afrika ata kuguma tuzera amaso ku bazungu.

  • Ivyo muri bino bihugu vyacu biragoye! Hari abicwa bikaba akamizwe n’ingoma!Hagize uwuhagarikwa abantu bakaja mu mabarabara kw’iyamiriza ihagarikwa!Mana shikana mission yawe hakiri kare kuri bino bino bihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.