Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda:Ibiganiro vya BBC mu kinyarwanda vyahagaritswe burundu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda:Ibiganiro vya BBC mu kinyarwanda vyahagaritswe burundu

Rwanda:Ibiganiro vya BBC mu kinyarwanda vyahagaritswe burundu

samedi 30 Rusama 2015

Ikigo kijejwe kugenzura ibikorwa bifitiye inyungu Urwanda RURA cafashe ingingo yo kugahagarika burundu ibiganiro vya BBC mu gihugu c’Urwanda.Imvo y’iryo hagarikwa ni ikiganiro caciye kuri iyo radiyo mu kwezi kw’icumi,2014 citwa :Rwanda,Akahise katavuzwe.

Iyo ngingo yafashwe kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 29 Rusama,2015.
Umukuru w’umurwi RURA Patrick Nyirishema yavuze ko, basanze itangazwa ry’ico kiganiro caciye kuri BBC rihonyanga agateka ko kumenyesha amakuru n’ako gushikiriza ivyiyumviro,rica hirya ivyo BBC yiyemeje gushikiriza,gihonyanga ingingo ngenderwako z’umwuga wo kumenyesha amakuru kandi gifise intumbero yo gucanishamwo abanyarwanda.

Kuri izo mvo zose ikigo gicungera uko ibinyamakuru bikora mu Rwanda cafashe ingingo yo guhagarika burundu ibiganiro vya BBC mu Kinyarwanda.Ivyo birego vyose bizoshikirizwa umushikirizamanza mukuru kugira avyige hanyuma agire ico akoze.

Muri BBC bavuga ko batangajwe cane n’iyo ngingo,kuko ngo kubwiwe BBC yumvirizwa n’abantu imiriyoni 2 mu Rwanda bizeye kuronka inkuru zidahengamye.
Umuvugizi wa BBC akaba ahakana ivyo BBC yagirizwa vy’uko bahakana ihonyabwoko.

Messages

  • Mwagize neza kuko BBC (Kirundi kinyarwanda) isigaye ikorera interahamwe n’imbonerakure. Yabaye ijwi ryazo.

  • Kuki muguma muhonyanga "DROIT D’EXPRESSION?"

  • Mu Rwanda nabo baragowe kabisa. Ibi vyerekana integuro ya Kagame. Biribonekeza ko ari kwitegurira ikintu. Abanyarwanda batahabereye maso, bakaguma bakangwa n’umukazo wiwe, ntibazoshikira Abarundi kubwigenge. Abarundi tuvuga ngo ibuye riserutse nti ryica isuka. Nabo ibi bibabere Warning yakazoza kabo. Uwavuze ngo nitwikurako Nkurunziza tuzoce dutangura kwitegurira impunzi z’abanyarwanda i Burundi Ntiyabeshe

  • Abanyarwanda tuzi ingaruka z’Itangazamakuri ribi, RTLM murayizi ? ntituzemera na gato ko BBC yongera kutwangiriza igihugu ahubwo njyewe mbona bidahagije n’ibindi byose bisa cyangwa bifitanye isano na BBC byakabaye byarahagaritswe kuko mu Rwanda dufite Radio zirenze imwe dufite Television zirenze imwe kandi zose zikora neza tunazikurikira zose rero ubwigenge bwo kudusubiza mbere ya 94 abarundi muzabwigumanire ntabwo dukenewe mu rw’imisozi 1000 muri make muratwifuriza ubwigenge mu fite bwahe bwo kajya.

    Amahoro ku Bbarundi mwese

  • Uwugaye Bbc Ntahataniye Nuwushakakwiyobagiza Habaye Ihonyabwoko Nahotutaramenya Abarikorewemuburundi. Urwandarerokwugara Bbc Ntibitangajekukoyarabasese Agatabi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.