Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Rwanda : Umuriro wahitanye umuryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Umuriro wahitanye umuryango

Rwanda : Umuriro wahitanye umuryango

vendredi 23 Myandagaro 2013

Abantu bane bo mu muryango umwe barahitanywe n’umuriro ahitwa Gatsibo mu Buseruko bw‘igihugu c’Urwanda.

Uwo mucanwa ukaba wahitanye umugabo, umugore afise imbanyi y‘amezi umunani hamwe n’umwana yonka. Bose bakaba baciye bitaba Imana kuko uwo muriro wadutse baryamye mw ‘ijoro ryo kuwa 21 rishira uwa 22 Myandagaro 2013. Uwo muriro ukaba wavuye kw ‘isanganya nk‘uko bivugwa n’umuryango wabo bahoneye muri uwo muriro, aho bamenyesha ko uwo mushingantahe yitavye Imana yarasanzwe akora urudandazwa rw ‘amakara akaba rero yoba yari yabitse mu nzu iwe ibiti vyiciye.

Kubera batari bazimije neza amakara bariko barakoresha mw‘ijoro mu gutegura imfungurwa imbere yo kuryama, ubwo bubiko bw’ibiti n’amakara bwaciye bufatwa gushika naho inzu yose isha igatokombera. Uwo mucanwa wahitanye abantu ukaba wadutse hagati y’isaha zine n’isaha zitanu z‘ijoro. Abana batatu gusa bakuze bari baryamye mu nzu zo mu kigo zimwe bita annexes, nibo barokotse kuko batashikiriwe n’uwo mucanwa.

Umuvugizi w ‘igipolisi c’igihugu, ACP Theos Badege akaba yamenyesheje ikinyamakuru IGIHE.com mu Rwanda ko uwo muriro ari isanganya nk ‘uko vyavuzwe n’umuryango w ‘abo bahisi, ariko rero aranegura uko kwanjanjwa gutuma abantu banahasiga n’ubuzima.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.