Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’Epfo : Intambara zidahagaze ikigoyi kija gutikiza inganda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Sudani y’Epfo : Intambara zidahagaze ikigoyi kija gutikiza inganda

Sudani y’Epfo : Intambara zidahagaze ikigoyi kija gutikiza inganda

samedi 12 Ndamukiza 2014

Muri Sudani y’Epfo nk’uko ishirahamwe ryitaho abana UNICEF ribimenyesha, abana bagera ku bihumbi 250, barashobora kurwara indwara zivuye kugufungura nabi gushika mu mpera z’uyu mwaka.

Intambara yatumye imiryango itari mike ita izabo ikomoka, ishobora gutuma abana bashika ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu bafatwa n’indwara zo gufungura nabi, eka ndetse abagera ku bihumbi mirongo itanu nabo, bagashobora n’ukwitaba Imana ku va ubu kugeza mu mpera z’uyu mwaka w’2014. Ico gitigiri rero kikaba giteye ubwoba cane, mu gihe ico gihugu kuva cikukiye mu mwaka w’2011, cagumye gihura n’ingorane z’intambara z’urutavanako, inzara rero igashobora gutuma abana bari munsi y’imyaka itanu bahasiga ubuzima.

Muri UNICEF bakavuga ko abanyagihugu bagera ku miriyoni 3,7 harimwo abana bagera ku bihumbi 740 bageramiwe na kigoyi muri ico gihugu ca Sudani y’Epfo cose. Jonathan Veitch umuyobozi wa UNICEF muri Sudani y’Epfo, atera akamo abariko bararwana guhagarika, kuko hamwe intambara zobandanya abantu nabo bakaguma batariko bararima, atakibuza abanyagihugu bo bagiye guhona.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.