Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Abantu 7 baturiwe babona bagirizwa uburozi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Abantu 7 baturiwe babona bagirizwa uburozi

Tanzaniya : Abantu 7 baturiwe babona bagirizwa uburozi

samedi 11 Gitugutu 2014

Abantu bagera ku ndwi nibo baturiwe babona mu gihugu ca Tanzaniya, abo banyagihugu bakaba baturiwe bagirizwa kuba ari abarozi.

Umukuru w’igiporisi w’i Kigoma Jafari Mohamed avuga ko hafashwe abagera kuri 23 b’abarozi hamwe n’abapfumu. Abo bose bakaba bategerezwa kwitaba kuri uyu wa gatanu. Umwe mu bana batuririwe incuti aho muri ico gihugu ca Tanzaniya, yabariye ikinyamakuru Mwananchi ko yasanze nyina yatuririwe hafi y’imetero 10 z’aho yahora aba, nayo se aca aturirirwa mu nzu babamwo. Muri abo baturiwe benshi bakaba barenza imyaka 60 y’amavuko.

Amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muri ico gihugu akaba avuga ko kuva mu mwaka w’2005 kugeza mu mwaka w’2011 bishwe bagirijwe kuba abarozi. Abo bicwa ahanini akaba ari abakenyezi usanga bageze mu zabukuru.

Abo banyagihugu baturiwe ndetse n’amazu yabo akadomekwa, bikaba vyakozwe imbere y’ishengero ry’abantu, ku rubibe Tanzaniya ihana n’Uburundi.


Aristide Nizigire

Messages

  • aba bantu bakoze ibikorwa vya bunya maswa bakwiriwe gukurikiranwa baka bibazwa ivyo bakoze

  • Abo ban2 naho bavugwako uburozi ntibari k8cwa baturiw! mbega nkurya mun2 yatuririw se na nyina umwe bakamu2ririra kuri 10m hafi yaho aba uwun2 bamuturirira mu nzu abamwo, wumva kubwaw ari abavyeyi bawe intuntu n’agahinda vyo guturirigwa abakwibaruts ukanura vyozimana muri wew? haaa kubwanj bari gupfuma bapfungwa ubuzima bwabo bwose!

  • Bagenzi banje babatanzaniya kweli komwica ururupfu ruteye ubwoba nagahinda kumusi wiherezo abica nkuko bobo ntibazohava bageregwa ibikwiranye nivyo bakoze? Nindikumagenge felix burundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.