Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya : Ihohoterwa rishingiye ku gitsina mu mashure ryariyongereye mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Ihohoterwa rishingiye ku gitsina mu mashure ryariyongereye mu (...)

Tanzaniya : Ihohoterwa rishingiye ku gitsina mu mashure ryariyongereye mu myaka icumi iheze

dimanche 5 Nzero 2014

Ingorane zifatiye kw’ihohoterwa ry’igitsina mu mashure muri iyi myaka icumu irangiye mu gihugu ca Tanzaniya, vyerekana ko ibintu bitoroshe kuko abana bamwe bahevye amashure, abavyeyi babo nabo bakabura iyo bata umutwe.

Mu matohoza yagizwe muri ico gihugu kibanyi, basanze ku bana bashika 3739 bagizweko amatohoza bari hagati y’imyaka 13 na 24, icakabiri cabo barahuye n’iyo ngorane yo guhohoterwa bifatiye ku gitsina. Ayo matohoza rero akaba yagizwe mu bana b’imice yose, baba abahungu canke abigeme. Nk’uko ayo makuru avurwa na The Guardian, ikinyamakuru co mu gihugu c’Ubwongereza, kivuga ko cisunze amatohoza yagizwe na kaminuza y’i Dar es-Salaam yifatanije n’ikigo co kugenzura no kurinda indwara Center for Disease Control and Prevention, basanze abana b’abakobwa canke b’abahungu, bose bahohoterwa, ku buryo mu mice yose abana 3 kuri 10 bahohoterwa bishingiye ku gitsina.

Ico cegeranyo rero kikerekana ko hamwe ibintu bidahindutse, ikibazo c’ihohoterwa ry’abana kiriko kirarenga urugero, mu gihe ibice bitatu vya kane vy’abana b’abakobwa n’abahungu bavuga ko bahohotewe n’abavyeyi babo canke n’izindi ncuti zabo. Ku bakobwa babajijwe, ibice 27,9 kw’ijana baremeza ko bakorewe ihohoterwa rishingiye ku gitsina bari munsi y’imyaka 18. Abahungu nabo bashika ku bice 13,4 kw’ijana bavuga ko bakorewe iryo hohoterwa bafise imyaka iri munsi ya 18, mu gihe abandi nabo 15,6 bavuga ko barikorewe bafise imyaka iri munsi ya 14 ku bakobwa naho bavuga ko ari ibice 18,20 kw’ijana bakorewe ivya mfurambi bafise imyaka iri munsi ya 14 kw’ijana.

Abana babajijwe aho muri ico gihugu ca Tanzaniya, bakaba bemeza ko bababazwa cane n’ikubitwa kw’ishure canke mu ngo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.