Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Tanzaniya: John Magufuli yemeye kugaburira amatongo adakoreshwa ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya: John Magufuli yemeye kugaburira amatongo adakoreshwa ku (...)

Tanzaniya: John Magufuli yemeye kugaburira amatongo adakoreshwa ku banyagihugu

mardi 8 Nyakanga 2015

John Magufuli,azokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya ,ku ruhande rw’umugambwe Chama cha Mapinduzi CCM,yatanze icizere ku banyatanzaniya ko aramutse atowe azobagaburira amatongo ataco akoreshwa kugira bawukuremwo umwimbu.

Mu kiganiro yahaye imboneshakure yo mu gihugu ca Tanzaniya,John Magufuli avuga ko hari abategetsi benshi bari muri Reta, kandi bafise amatongo manini batarima, batanaragiramwo,avuga ko ayo matongo azoyaha abanyagihugu bakayakuramwo umwimbu.

Mu gihugu ca Tanzaniya, hakunda kwibonekeza amatati afatiye ku matongo,aho abanyagihugu bicana; cane cane abarimyi n’aborozi bapfa amatongo.

Ikinyamakuru Jeune Afrique canditse ko mu myaka ya 1980 na 1990, hari ibibazo vyinshi bishingiye ku matongo, aho abanyagihugu bamwe bagiriza Reta ko ibagurishiriza amatongo, mu migambi yari yashize imbere yo gutanga amatongo ku bashobora kuyakuramwo umwimbu. Kugera mu mwaka w’ 1992, umugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM), niwo wonyene wari mu gihugu ca Tanzaniya, ubu ufise 3/4 vy’abagize inama nshingamateka.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekereza rya 25 Gitugutu 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ninarinziko na Tanzania harumunyagihugu yobura uburyobwokwisanzura kubijanye namatongo yokurina nokwororeramwo! Ahantu urimuragendanimodoka kugira ubone inzu usanga arikamwekamwe nudusagara turikurenakure nkokubirometero 200 canke birenga. Yemwe ndashimiye uwomuntu agombakuzotunganiriza abenegihugu mukuberekako igihugucabo cagutse akabashikiriza amatongo yokuzokoreramwo ivyobashaka vyose, nanje yoyaba ndumutanzaniya ijwiryanje norimuhaye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.