Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubudagi bwateye umukono kumasezerano yo gufashanya na EAC mu bijanye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubudagi bwateye umukono kumasezerano yo gufashanya na EAC mu bijanye (...)

Ubudagi bwateye umukono kumasezerano yo gufashanya na EAC mu bijanye n’amagara y’abantu

jeudi 24 Nyakanga 2015

Reta y’Ubudagi yashize umukono ku masezerano yo gufasha y’amafaranga imiliyoni 30 z’amafaranga y’abanyaburaya azokoreshwa n’ibihugu bigize ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu guteza imbere amagara y’abantu.

Ico gikorwa cabereye mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ku kicaro c’Ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2015. Ayo mafaranga azokoreshwa mu gukingira abana indwara z’ibiza.

Muri ayo,imiliyoni 20 azokoreshwa mu kugura incanco. Ayandi imiliyoni 10 z’amafaranga y’abanyaburaya asigaye akazokoreshwa mu gushiraho ikigo c’akarorero kigenzura ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Uwu mugambi uzoshirwa mu ngiro babifashijwemwo n’ishirahamwe GAVI Alliance ritanga incanco mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

Amb. Dr. Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko yavuze ko ashimye iyo mfashanyo bahawe na Reta y’Ubudagi,kuko yerekana ko Ubudagi ari incuti nyakuri y’abanyagihugu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Reta y’Ubudagi ifise umugambi wo gufasha abana bashika imiliyoni 300 kuronka incanco zitandukanye kw’isi yose harimwo n’abo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.