Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa ntibwifadikanije n’Urwanda mu bikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ubufaransa ntibwifadikanije n’Urwanda mu bikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya (...)

Ubufaransa ntibwifadikanije n’Urwanda mu bikorwa vyo kwibuka ku ncuro ya 20

lundi 7 Ndamukiza 2014

Reta y’Ubufaransa, ibicishije ku muvugizi w’Ubushikirangaji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Romain Nadal, yamenyesheje ko ata ntumwa izorungikwa mu Rwanda mu birori vyo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu 1994.

JPEG - 43.3 ko
Michel Flesch, aserukira Ubufaransa mu Rwanda

Ivyo bishikirijwe mu gihe hari hamaze kumenyeshwa ko Ubufaransa buzoserukirwa muri ivyo bikorwa n’umushikirangaji ajejwe ubutungane Christiane Taubira. Imvo yatumye Ubufaransa bwisubirako n’ibiherutse gushikirizwa n’umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame, ku kinyamakuru Jeune Afrique casohotse kuri uwu wa 6 Ndamukiza. Muri ico kinyamakuru Paul Kagame yavuze ashimangira uruhara ibihugu vy’Ubufaransa n’Ububiligi vyagize mu bubisha bwakorewe mu Rwanda mu mwaka w’1994. Ivyo bihugu vyompi bikaba vyari bifiseyo ingabo zari zagiyeyo guhagarikira amahoro (Mission d’Observation des Nations Unies, Fond de cooperation militaro-humanitaire "Turquoise"), ariko bakaba ata na kimwe bashoboye kugira.

Uwo mukuru w’igihugu aratunga agatoke Ubufaransa (cane cane) ko bwagize uruhara mu gutegura no mu gushira mu ngiro uwo mugambi mubi bubicishije ku ngabo zawo zariyo ico gihe. Ubufaransa bwagirizwa kandi kuba bwari bucuditse cane na Reta y’Urwanda y’ico gihe, ari nayo yagirizwa ubwo bubisha.

Ubufaransa buratangazwa cane nivyo birego, mu gihe kuva mu mwaka w’2010 hari hatanguye umugambi wo gusubiza hamwe hagati y’ivyo bihugu bibiri, ariko bukavuga ko bwifatanije n’imiryango y’abanyarwanda yabuze. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Romain Nadal, umuvugizi w’Ubushikirangaji bw’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu.

N’aho biri uko, Ububiligi bwo bwitabiriye ivyo birori, ico gihugu kikaba caserukiwe n’umushikaranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Didier Reynder, aherekejwe n’umugwi w’abantu 100. Uwo mushikiranganji amenyesha ko bataramenya neza ivyashikirijwe muri Jeune Afrique na Paul Kagame.

Twobibutsa ko ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu mwaka w’1994 ryahitanye abantu bagera ku bihumbi 800, harimwo n’abahutu batari bashigikiye ivyiyumviro vy’ihonyabwoko, kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika muri Mukakaro mu mwaka w’1994.


Isabelle Simbarakiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.