IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ubumwe bwa Buraya burarajwe ishinga n’ikiringo ca gatatu c’umukuru (...)

Ubumwe bwa Buraya burarajwe ishinga n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu

mardi 17 Ntwarante 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rirarajwe ishinga n’ibivugwa hirya no hino ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ukuri ku bwicanyi bwakorewe ababikira batatu, hamwe n’ukuri ku gitero cabaye mu Cibitoke.

Inyuma y’inama yahuje abashikiranganji b’imigenderanire n’ibindi bihugu bo mw’ishirahamwe rya Buraya kuri uyu wa 16 Ntwarante, abo bashikiranganiji barashima intambwe Uburundi bugezeko mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, ndetse no mw’ifasha mu kugarukana amahoro mu bindi bihugu bitandukanye. Ariko abo bashikiranganji, bakaba batewe impungenge n’icuka kiri mu gihugu, ku bijanye n’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, aho hari abavuga ko ico kiringo gishoboka, abandi nabo, bakavuga ko kidashoboka. Ubumwe bwa Buraya bugasaba abategetsi b’igihugu, gutorera inyishu ico kibazo mu maguru masha, mu bwitonzi ntangere kandi mu nzira yo kunywanisha abarundi, kugira intambwe Uburundi bugezeko mu gutsimbataza amahoro, ntisubire inyuma.

Mu cegeranyo abo bashikiranganji bashize ahabona inyuma y’iyo nama, basaba abarundi ko amatora buca atangura hagati y’ukwezi kwa Rusama na Myandagaro, yobbaera akaryo ko gutsimbataza amahoro n’iterambere, hako aba intandaro y’isubira inyuma ry’imigambi yari imaze kurangurwa. Basaba kandi ko amategeko yokubahirizwa, na cane cane ibwirizwa nshingiro hamwe n’ayandi mategeko yagiye araterwako imikono n’abanyeporitike babanje kuyumvikanako. Aha baravuga nk’itegeko rigenga amatora hamwe n’urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko n’abanyeporitike.

Tukabamenyesha ko abo bashikiranganji bateye ivyatsi ubwicanyi bwakorewe ababikira batatu bo mu gihugu c’Ubutaliyano bagandaguriwe muri paruwasi ya Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, hamwe n’intambara zabaye mu ntara ya Cibitoke ku wa 30 Kigarama gushika ku wa 3 Nzero uwu mwaka. Basaba ko hoba amatohoza kuri ivyo vyose, ukuri kukaja ahabona, nayo ivyagirizwa ko urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD hamwe n’inzego z’umutekano ko boba barishe abantu bagiye barafatwa muri ico gitero co mu Cibitoke, bokubitwa intahe mu gahanga. Basaba mbere uwo murwi washinzwe mu gutohoza ayo mabi, ko wogira amatohoza, ataho yegamiye, kugira batange ukuri kwo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbeyemwe ishirahamwe rya Bulaya ryobarimazigihe kingabagute ritanguye? Ryoba mumyaka ya 72 ritaribwatangure? Ryoba mumyaka ya 88 ritaribwatangure? Ryoba mumwaka ya 93 ritaribwatangure? Niyabamwivyobihe nzikovyabereye bibi abarundi bobaharicobavuze mukakuteibutsa banyakugira Imana nu Burundi? Niyabatacobavuze twovugako nabwo barinubaribashigikiye komu Burundi harijugumaho intwaro yiganjemwo ubwokobumwe, bakababobabaguma bashaka kwenyegeza akariro kugira Burundi hagaruke intwaro yubwokobumwe? Jewe ndashakako twokomeza imibano nabo tuzinanye kukobarabifitiye uburenganzira bwogushigikira ubwokobashaka kwifranga ryano.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.