Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburundi bwashizeho amahuriro bise "Club EAC" y’urwaruka rwo mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uburundi bwashizeho amahuriro bise "Club EAC" y’urwaruka rwo mu (...)

Uburundi bwashizeho amahuriro bise "Club EAC" y’urwaruka rwo mu mashure

lundi 9 Ruheshi 2014

Uburundi bwarashizeho amahuriro bise "Club EAC" ahurikiyemwo abanyeshurebo mu mashure yisumbuye bo mu ntara zitandandukanye z’Uburundi. Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abo banyeshure bagize izo "Club EAC" mu gihugu cose bahuriye i Bujumbura mu nama y’iminsi ibiri kugira bigira hamwe uturusho twa Afrika y’ubuseruko ku rwaruka rw’Uburundi.

Intara imwe yose ku ntara 17 zigize Uburundi ifise ihuriro rimwe "Club EAC" rigizwe n’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye bahurira hamwe bakaganira ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko, hamwe n’uturusho Uburundi bushobora kuharonkera. Abaserukira ayo mahuriro bahuriye bose i Bujumbura mu nama izomara iminsi ibiri, yuguruwe na Leontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 3.5 Mo
Leontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko

Umushikiranganji Leontine Nzeyimana amenyesha ko Uburundi bubaye ubwa mbere bushizeho ayo mahuriro mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, akafasha abanyeshure gukura bazi umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Reta y’Uburundi yahisemwo kwibuka urwaruka mu migambi y’ukumenyekanisha ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko, kuko ari narwo rusanzwe ari Burundi bw’ejo.

Leontine Nzeyimana, umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko avuga ko babifashijwemwo n’abasanzwe babafata mu mungongo, bagiye kurwiza ayo mahuriro mu mashure yose yo mu gihugu c’Uburundi, bongere bazoshikire n’urwaruka rutashoboye kuja mu mashure, ruhurikiye mu mashirahamwe atandukanye.

JPEG - 3.8 Mo
Bamwe mubatumiwe muri iyo nama

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.