Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uganda : Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye bitwaye muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Uganda : Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye bitwaye muri (...)

Uganda : Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye bitwaye muri sentare

mercredi 12 Ntwarante 2014

Abaharanira agateka k’abahuza ibitsina babisangiye muri Uganda bituye sentare
abashingwamanza hamwe n’abanyeporitike, bituye sentare muri Uganda biyamiriza itegeko rihana abo bahuza ibitsina babisangiye.

Umukuru w'igihugu c'Ubuganda ariko arashira umukono kw'itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye

Bavuga ko iryo tegeko riciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro rya Uganda, risanzwe ritemera kuvangura no guhonyora ku burenganzira bwo gushikiriza iciyumviro. Iryo tegeko ryashizweko igikumu n’umukuru w’igihugu Museveni mu kwezi guheze, ryiyamirijwe n’amakungu. Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama yavuze ko iryo tegeko risubije inyuma Uganda mu ntambwe yari imaze gutera. Ibihugu vyinshi bisanzwe bifasha Uganda navyo bica bivuga ko bigiye guhagarika imfashanyo.

Iryo tegeko ryo guhana bivuye inyuma abo bahuza ibitsina babisangiye muri ico gihugu ca Uganda, rikaba ryatumye haba icuka kitameze neza hagati y’Ubuganda n’ibihugu bisanzwe bigifasha, ndetse n’amwe mu mashengero akaba yarakozweko, mu gihe ayamuka mu bihugu vya za Buraya, agabisha ko azoca avangura n’amashengero yamukako, hamwe ibihugu vyabo vyoguma bihatira igihugu c’Ubuganda gushigikira iryo tegeko. Tukabamenyesha ko igihugu c’Ubuganda gishira imbere cane imico y’abakera, ku buryo kwumva uguhuza ibitsina babisangiye, ari nk’ivumwe ku gihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jebare ko baganda bange!!Keep-up to fight against TUTU’s deamon!!Uganda nigihugu cikukiye(idipendant country),ntabwo ikiri mubukoroni bwa Obama!!

  • Nabo bakwitwaye nababaturire ubwo bworo bubi.

  • Mwebare Bagande,ntimwumvirize abo bakora ibitigeze bibaho mumategeko yakiremwa cose caremwe n’ Imana. Emwe,dusumbwe nibikoko mukwemera Imana yaturemye?Mbe abobabikora bibazako Imana yihenze mukurema Umugobo n’ Umugore? Hahaaa muragabe bantu ba Sodoma na Gomora!!! Murarimbutse vuba.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.